Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/09/2022

Publié le 20 septembre 2022 par Rédaction
I. Bamwe mu banyagihugu bo mu gisagara ca Rumonge bariyamiriza ico bita amanyanga ariko arakorwa mw’itangwa ry’imisegetera. Bagiriza bamwe mu bayitanga ko bayimana, mu nyuma bakayigurisha. Abo banyagihugu basaba ko abajejwe amagara y’abantu bokurikiranira hafi ico kibazo.
II. Isuku rike ni ryo rirangwa muri segiteri ya Gitaramuka ya zone Musaga, mu gisagara ca Bujumbura. Intandaro akaba ari utuzu twa surwumwe tutagikora, kuko twuzuriye rimwe mu miryango itari mike yo muri ako gace, nk’ukwo abanyagihugu baho bavyemeza. Bavuga ko hagati y’amazu aho muri quartier ya Gitaramuka ari ho hacitse ubwiherero. Abajejwe intwaro aho ku Musaga baraba hirya ku bijanye n’ico kibazo c’isuku rike.
III. Mu ntara ya Makamba naho, bamwe mu banyagihugu ntibashimishwa n’ivyavuye mu matora y’abagize intahe yo ku mugina. Iyo myidogo y’abo banyagihugu, ikaba ishingiye ku mahinyu yayaranze, aho hari bamwe mu bitoza bafatanywe itonga bafise amakarata y’itora y’umurengera hama ntibakomwakomwe. Basaba umukuru w’igihugu guhagarika ivyayavuyemwo kugira hemererwe kwitoza imvugakuri zibushitse.
IV. Umuntu umwe yarapfuye, abandi umunani barakomereka mu masanganya abiri y’imodoka. Ivyo vyabaye ku muhingamo w’ejo ku wa mbere, kw’ibarabara ry’igihugu numero 1 mu ma komine ya Kayanza na Matongo intara ya Kayanza. Ayo masanganya aterwa n’umuvuduko munini, nk’ukwo bivugwa n’igipolisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara.
V. Kuva kuri uyu wa mbere, abana b’impunzi z’abarundi bo mu makambi ya Lusenda na Mulongwe biga mu mashure mato mato, ntibariko barakurikira ivyigwa. Abo bana birukanywe kubera kutariha amahera y’ishure, haraheze amezi 6, ayo nayo akaba asanzwe atangwa n’ishirahamwe HCR. Abo bana bagasaba HCR gutorera inyishu ico kibazo.

Ibindi bisa n'ibi