I. Mu makuru ajanye n’isanganya ry’umuriro ryadutse mu buraro bw’abanyeshure 14 biga mu mwaka wa nyuma kw’iseminari ntoyi y’ i Muyinga yitiriwe umweranda Piyo w’icumi, hari igihe c’inyuma y’isaha zitandatu kuri uwu wa gatatu. Uwo muriro ukaba warahitanye ibintu vy’abo banyeshure vyose vyari muri ico cumba nk’uko amakuru ava kuri iryo shure avyemeza. Uburaro rw’abandi barerwa ngo bukaba bwashoboye gukingirwa uwo muriro hifashishijwe abanyeshure n’abanyagihugu baba mu micungararo y’ishure, nkuko ayo makuru avyemeza. Igipolisi kijejwe gukinga impanuka, no gutabara mu bihe vy’ibiza n’isibe gikorera mu ntara ya Muyinga, kikaba kitashoboye gutabara kuko imodoka bita kizimyamwoto imaze amezi atari make yaramanukanwe mu gisagara ca Bujumbura kugira ngo ikorwe.
II. Uwuhiganwa yaneshejwe, Varisito Ndayishimiye azogarukira hehe? Ni ikibazo ishirahamwe IDHB riharanira agateka ka muntu mu Burundi ryibaza mu cegeranyo caryo casohotse ku bijanye n’agateka ka muntu mu Burundi. Ku bw’iryo shirahamwe IDHB, mu ntango, umukenyuro wa president Ndayishimiye wabaye uwo kuja ahabona mu gushikiriza amajambo asosa agaragaza ugushaka kwiwe kw’ibintu mu gihugu bitegerezwa guhinduka. Yamara biratangaza Carina Tertsakian, umushakashatsi mw’ishirahamwe IDHB, kuko inguvu ziwe mu guhindura ibintu na cane cane mu bijanye n’agateka ka muntu ataho bihuriye n’ivyo yiyemeza.
III. Ku vyabaye mu mwaka wa 1972, ngo nta kuri umuntu yoronderera kwa Pierre Claver Ndayicariye arongoye umugwi CVR, ujejwe ukururi n’ugusubiza hamwe kw’abarundi, kuko intumbero yiwe ari iyo guhuvya ukuri ku vyabaye mu ntumbero yo kuryanisha amoko. Ivyo bivugwa na Charles Mukasi, yahoze arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA. Ni inyuma yaho kuri uno wa mbere, Pierre Claver Ndayicariye avugiye imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka, ko abanyarwanda bari impunzi mu Burundi mu 1972 na bo nyene bagize uruhara mu co yise ihonyabwoko ry’abahutu, ivyo Charles Mukasi yamirira kure, akavuga ko ari ikinyoma cambaye ubusa.
IV. Urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe adaharanira inyungu za politike na rwo nyene ruratera ivyatsi amajambo ateye isoni ya Pierre Claver Ndayicariye. Me Vital Nshimirimana arongoye urwo runani FORSC abona ko Pierre Claver Ndayicariye n’umugwi arongoye, ata kindi bagamije atari kubiba urwanko mu barundi n’abanyamahanga.
V. Ikibazo c’abaganga bata akazi bakaja kukaronderera ahandi mu bindi bihugu kirahanze igihugu c’Uburundi. Abashika 130 mu bo bita aba généraliste n’aba spécialiste mu rurimi rw’igifaransa bahora bakora mu bitaro biharurwa ku 80 vyo mu gihugu baramaze guheba akazi kuva mu mwaka wa 2020. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu no kugwanya ikiza ruhonyanganda SIDA, Docteur Sylvie Nzeyimana, igihe yariko arishura ku bibazo vy’abashingamateka ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 19 za kuno kwezi. Uwo mushikiranganji avuga ko ikibazo Leta imaze kukimenya, ko ikibituma bazogishikiriza vuba.
VI. Kuri ivyo vyose bishikirizwa n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Libérat Ntibashirakandi, umwigisha mu ma kaminuza asanzwe aba mu bihugu vya bulaya, avuga ko ata kindi gituma abaganga bata bakomoka atari umutekano muke, ubukene n’agashahara gato. Yemeza kandi ko abahinga b’abarundi bemerwa n’ibindi bihugu kubera ubuhinga bafise.
VII. Ikiza ca cholera catanguye kwibonekeza mu gisagara ca Rumonge, aho umuntu umwe ari we amaze kwandura iyo ndwara. Mu ntwaro bakaba bamaze gufata ingingo kugira iyo ndwara ntirandagate. Ariko abanyagihugu bo ngaho mu gisagara ca Rumonge bakaba bafise ubwoba ko ibintu bishobora kuyangara, mu gihe bamaze iminsi ata mazi bafise.
VIII. Mu ntara ya Rumonge haribonekeza ubukene bw’inyama z’inka mu gisagara ca Rumonge. Abazirondera bavuga ko batazironka uko bashatse. Abazidandaza bakaba bavuga ko inka zitakiboneka uko zaboneka mu minsi iheze. Abarangura inka bo bakaba bamenyesha ko hari ikibazo c’amafranga y’amashilingi y’amatanzaniya yo kuranguza.
IX. Umuryango w’abamenyeshamakuru mu Burundi uri mu kigandaro. Umumenyeshamakuru Olivier Nkengurutse yitavye Imana kuri uno wa gatatu mu gihugu c’Ububiligi ahitanywe n’indwara yaramaze iminsi ari ku musego. Olivier Nkengurutse yari yarakoreye ibimenyeshamakuru bitandukanye CCIB FM Plus, télévision Renaissance, Relma FM hamwe na radiyo Isanganiro, gushika mu mwaka wa 2015. Mu mvururu zadutse mu mwaka wa 2015 hiyamirizwa ikiringo ca gatatu ca Petero NKurunziza, Olivier Nkengurutse yarahagaritswe n’iperereza arapfungwa aho yaborejwe igufa. Mu nyuma yararekuwe, ahava araronka uko ahunga igihugu muri kino gihe akaba yaba mu Bubiligi. Radiyo Inzamba Agateka kawe, ikaba ihojeje umuryango asize.