Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/10/2019

Publié le 20 octobre 2019 par Rédaction

Abantu 16 bari mu basanzwe bapfungiwe mu gasho ka commissariat y’igipolisi ya Kayanza, kuva kuri uwu wa gatandatu barwariye mu bitaro vy’intara ya Kayanza. Inkuru zivugwa kw’iyo ndwara y’abo bantu zimenyesha ko batanguye kwumva baribwa mu nda, bagacibwamwo bakongera bakadahwa. Bakibaza ko boba bariye isumu yashizwe mu vyokurya vyagemuriwe umwe muri bo. Umuforoma yabanje kubapima ngo ntiyashoboye kumenya indwara barwaye ahubwo ngo baguma baremba, ngo ari na ho haca hafatwa ingingo y’ukubajana kuvurirwa ku bitaro. Ubu rero bose bakaba bashizwemwo za sérum.

CNDD FDD ngo ntakindi irondera atari amanota mu banyagihugu mu gushingisha urubanza rw’urupfu rwa Melchior Ndadaye. Iyo ntumbero itangwa na Frederic Bamvuginyumvira, ari mu bagendanye n’umuhisi buca hibukwa imyaka 26 Melchior Ndadaye agandaguwe. Frederic Bamvuginyumvira agatangazwa n’uko umugambwe uri ku butegetsi ariho uciyumvira kwitaho urwo rubanza ngo kandi bwari bubifitiye ubushobozi kuva kera.

Ishirahamwe rihurikiyemwo abapfakazi n’impfuvyi baharanira agateka kabo, AVOD, basaba umuco kw’igandagurwa ry’abatambukanyi bakaba n’abavyeyi babo. Abo nabo bakaba ari abagandaguriwe rimwe na Melchior Ndadaye. Adèle Ahishakiye arongoye AVOD.

Abantu bane nibo bishwe mu ntara imwe gusa ya CIBITOKE mw’ino ndwi dusozera, abandi batanu barahagarikwa bidaciye mu mategeko, nk’ukwo tubisanga mu cegeranyo c’indwi c’ishirahamwe SOS Torture Burundi. Uretse abari mu nzego z’umutekano n’intwaro batungwa urutoke mur’ayo mabi n’urwaruka ruyoboka umugambwe uri ku butegetsi imbonerakure ruravugwa muri mwen’ayo amabi.

Naho igihugu runaka kitoba kigikorana na sentare mpuzamakungu mpanavyaha amabi akorwa mu nyuma iyo sentare irafise uburenganzira bwo kuyahana. Ivyo bishikirizwa na  Marie Edith Duzima umushingwamanza wo mu gihugu ca Centrafrica aburanira abakorewe amabi mur’ico gihugu . Yabivuze kur’uyu wa gatanu mu gihe yari yifatanije n’abandi bashingwamanza baburanira abakorewe amabi mu bihugu vya Africa, aho sentare mpuzamakungu mpanavyaha imaze gutanga imitahe.

Ishirahamwe ry’abagenzi b’ibidukikije rirahagaritswe umutima n’inyifato z’abayangayanga, abafungura inyama zabazwe n’abatwara ibitungwa ku macuniro.  Iryo shirahamwe risaba rishimitse iyubahirizwa ry’agaciro k’igikoko kigiye kubagwa mu kwirinda na cane cane kucica nabi.

Imigwi y’Uburundi ngo igize imisi itigenza neza mu mahiganwa mpuzamakungu. Nk’ukwo Désiré Hatungimana akurikiranira hafi ivy’inkino abivuga ; ngo n’ukuberako urwaruka rwakina abatari bake bahunze amagume igihugu cagiyemwo kuva mu mwaka w’i 2015. Ngo nuko kandi abakinyi batari bake baca bigira mu bindi bihugu bibanyi gukinirayo kuko baronka agahembo keza.

Kugira inkino zigarukirwe mu Burundi, Désiré Hatungimana abonako ababijejwe bakwiye gukora ibishoboka vyose kugira amahoro n’umutekano bigaruke mu Burundi. Asaba leta n’ayandi mashirahamwe yigenga gufata mu mugongo bimwe biboneka imirwi ikina.

Mwomenyako umugwi w’igihugu mu mupira w’amaguru mu bakina hagati mu gihugu ; kuri uno wa gatandatu watsinzwe na Ouganda uca ubura amahirwe yo kuzoja mu mahiganwa azobera mu gihugu ca Cameroun umwaka uza w’i 2020. Umurwi Dynamo muri basketball; nawo ntiwashoboye gushika kure mu mahiganwa ahuza ibihugu vya zone ya 5 mu gihugu ca Tanzaniya aho hari muri iyi ndwi nyene. 

Muri rya sekeza ryo gusigurirwa ibiri mu masezerano yerekeye agateka ka zina muntu ku mugabane wa Afrika; uno musi dusigurirwa  ingene Umurwi wa Afrika ujejwe gutatura amatati uheza ugakora igihe wituwe n’igihugu citwariye ikindi. Ivyo bikaba biri mu ngingo za 51, iya 52 n’iya 53 y’ayo masezerano ; nk’ukwo bisigurirwa n’ Umushingwamanza Yves RUNYAGU wo mu runani CAVIB.

Ibindi bisa n'ibi