Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/10/2020

Publié le 20 octobre 2020 par Rédaction

I. Abantu 16 harimwo uwahoze arongoye Uburundi Petero Buyoya, bagirizwa kugandagura umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, baraciriwe kuri uyu wa mbere, umunyororo wo guherayo n’abacamanza ba sentare ntahinyuzwa. Abandi 3 baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka 20, hamwe n’umwe yejejwe n’abo bacamanza ba sentare ntahinyuzwa.

II. Iyo intwaro ari mbi, ubutungane ntawobusaba kuba bwiza. Ivyo bivugwa na Charles Mukasi yahoze arongoye umugambwe UPRONA, akaba ari kuri urwo rutonde rw’abantu 16 bagirijwe kuba baragandaguye umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye, bacirwa umunyororo w’uguherayo na sentare ntahinyuzwa. Charles Mukasi ngo ntarota yunguruza urubanza, ngo ubutegetsi bwa CNDD-FDD nibubandanye uko bwabiteguye.

III. Intumwa za reta y’Uburundi zahuye n’intumwa za reta y’Urwanda ku rubibe rwa Gasenyi-Nemba mu ntara ya Kirundo. Izo ntumwa zari zirongowe n’abashikiranganji b’imigenderanire b’ivyo bihugu uko ari bibiri. Ivyo baganiriye bikaba aha nini vyari bifise intumbero y’ingene bonagura imigenderanire y’ivyo bihugu, yatosekaye kuva mu mwaka wa 2015. Kimwe kimwe cose mu bihugu vy’Urwanda n’Uburundi cagiriza ikindi ko gifashe mu mugongo imigwi ihungabanya umutekano w’ikindi.

IV. Ishirahamwe rihurikiyemwo abantu b’intungane RCP risaba rishimitse irekurwa ry’uwahoze ari umushingamateka Fabiyano Banciryanino, uyu musi akwije imisi 13 apfungiwe mw’ibohero rya Mpimba. Gervais Nibigira, icegera c’uwurongoye iryo shirahamwe, avuga ko uyo yahoze ari umushingamateka apfunzwe ataco azira, uretse akarenganyo ariko arakorerwa. Ku bwiwe, abashingamateka bangeziwe bakwiye kuvira hasi rimwe, bagasaba irekurwa ryiwe, kuko na bo bazohava bagafatwa bahorwa kuvugira abanyagihugu.

V. Intara ya Makamba ni yo yambere irimwo amatati y’amatongo n’ayandi matungo; komine ya Nyanza-lac ikaza imbere na yo mu gihugu cose. Ivyo nivyo umugwi w’igihugu CNTB wamenyesheje mu gihe wari watunganije inama iwuhuza n’abajejwe ubutungane, abajejwe  intwaro hamwe n’abatwara igipolisi kuri uyu wa kabiri. Aho ngo hari mu ntumbero yo kuganira ingene bazokorana n’abo bose, mu gutunganiriza abafise amatati ajanye n’amatongo hamwe n’ayandi matungo. Dieudonné Mbonimpa avugira umugwi CNTB .

VI. Impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mulongwe iri mu gihugu ca Congo ziratewe umutima uhagaze n’imyiyerekano y’abaporisi, hamwe n’abasungusungu bajejwe umutekano muri iyo kambi. Amakuru dukura muri izo mpunzi atumenyeshako inkomoko ry’iyo myiyerekano ari uko abo baporisi n’abasungusungu  bamaze amezi atatu bataronswa imishahara yabo. Ingaruka z’iyo myiyerekano  na zo, n’uko ata modoka n’imwe yinjira mw’ikambi na cane cane ko abaporisi baca bikika mu kiza mu gusaba amafaranga izo mpunzi ku kintu ico arico cose. Nk’uko umwe muri izo mpunzi  yavuganye na radiyo inzamba abivuga, asaba ko ishirahamwe CNR rijejwe guhemba abo baporisi ryobatunganiriza.

Ibindi bisa n'ibi