Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/11/2019

Publié le 20 novembre 2019 par Rédaction

I. Sentare isubiramwo imanza yo ku Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura, kuri uno wa gatatu, yafashe ingingo yo kugumiza mu munyoro, abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru IWACU. Umushoferi wenyene niwe azorekurwa. Ni inkuru y’incamugongo mu runani rw’abamenyeshamakuru UBJ. Urwo runani rubonako, ico ari ikindi kimenyetso cerekana ko ubutungane bwo mu Burundi butigenga na gatoyi. Alexandre Niyungeko niwe arongoye urunani UBJ.

II. Igenekerezo rya 20 Munyonyo, ni umunsi mpuzamakungu wahariwe agateka k’abana. Imyaka mirongo itatu ikaba irumanye neza ayo masezerano ataweko igikumu. None uyo munsi mpuzamakungu wavutse gute?

III. Aho abandi bana bariko bahimbaza umusi mukuru wabo, kuri uyu wagatatu, hari abataribake bitoroheye, bafungiwe mugasho k’igipolisi mu gisagara ca Rumonge. N’abana biyungunganya mu kudandaza utuntu kugira bashobore kwitunga aho mugisagara ca Rumonge, bahagaritswe n’igipolisi kuri uyu wa kabiri.

IV. Muri rusangi, abana bo mw’ikambi y’impunzi z’abarundi bahungiye i Mahama mu gihugu c’uRwanda bafashwe neza kuko baronswa vya nkenerwa, nk’amashure kuvurwa n’ibindi. Ariko rero igiteye impungenge, ni inda z’indaro zibonekeza mur’urwo rwaruka, umvirize Clémentine Mukamabano, ni icegera c’uwurongoye ikambi ya Mahama aratubwira ingene vyifashe.

V. Amanota ubusa kuri atandatu, niyo Uburundi bufise mu nkino zibiri zo kurondera ikibanza co kuja mu gikombe ca Africa mu mwaka 2021. Abakunzi b’Intamba Mu Rugamba, basaba umumenyereza gutanga imihoho, nawe ati uwamuhaye akazi niyabimusaba ntazonana.

Ibindi bisa n'ibi