Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/11/2020

Publié le 20 novembre 2020 par Rédaction
I. Icizere si cinshi mu bakozi b’ishirahamwe ONATEL basabwa gutanga intererano yabo, kugira iryo shirahamwe rya reta rigeze habi ribone kunaguka. Bamwe mu ndongozi za sendika y’abakozi ba ONATEL bagiriza reta ubwayo, ko yagenda irafata ingingo zabaye intandaro y’ukugoyagoya kw’iryo shirahamwe. Amezi atatu akaba arumanye atawubaza n’agashahara muri abo bakozi ba ONATEL.
II. Itunganywa nabi ry’amashirahamwe ya reta mu kugena abayarongoye bafatiye ku mvo za politike biri mu bituma bene ayo mashirahamwe akora ahomba. Ivyo bishikirizwa na Faustin Ndikumana, umuhinga yanonosoye ibijanye n’ubutunzi, n’inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni atangiye ikiringo c’iminsi mirongo itatu, kugira ngo abarongoye ishirahamwe Onatel bazobe batanze icegeranyo kijanye n’uko guhomba. Faustin Ndikumana akavuga kandi ko n’amashirahamwe agenzura amatungo ya reta adakora neza akazi kayo.
III. Ibiro vy’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, bizokugarwa kuwa 31 Kigarama 2020. Mu rwandiko ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu bwarungikiye umunyamabanga wa ONU kuwa 17 Munyonyo 2020, Ambassadeur Albert Shingiro amenyesha ko ubu muri iki gihe, reta y’Uburundi ikeneye ko haba igisata ca ONU gifasha gusa mu bijanye n’iterambere.
IV. Frédéric Bamvuginyumvira yigize kuba ari icegera c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, amenyesha ko iyo ngendo ya reta yokwerekana ko bikwije mu kwirukana amashirahamwe mpuzamakungu n’abafasha Uburundi, bizosiga Uburundi ari umusaka.
V. Ishirahamwe Amnesty international ryatanguje kuri uyu wa gatanu isekeza bise kwandika kugira ubutungane bukore “Write for right” mu rurimi rw’icongereza. Mu bantu 10 bari mu bihugu cumi bitandukanye mw’isi iryo shirahamwe risaba ko borekurwa, harimwo umurundi aharanira agateka ka zina muntu Germain Rukuki, apfunzwe kuva mu mwaka wa 2017. Rachel Nicholson, umushakashatsi ku Burundi mw’ishirahamwe Amnesty international.
VI. Turibuka na bagenzi bacu b’ikinyamakuru Iwacu ubu bakwije imisi 396 bari mu buroko. Bose uko ari bane, Christine Kamikazi, Agnes Ndirubusa, Terence Mpozenzi na Egide Harerimana, bakaba bazira gukora umwuga wabo barekurirwa n’amategeko.
VII. Amashirahamwe 14 yigenga yasohoye icegeranyo aho yiyamiriza igikorwa c’umugwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira. Ayo mashirahamwe avuga ko uwo mugwi ukora ushaka kwerekana ko ubwicanyi bwo mu mwaka wa 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu, mu ntumbero yo gucishako uruho rw’amaso canke kwirengagiza ubwicanyi n’ayandi mabi akorwa n’ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Vital Nshimirimana niwe yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe, avuga ko uwo mugwi aho kunywanisha abarundi ubacanishamwo. Ayo mashirahamwe asaba ishirahamwe ONU, n’ubumwe bwa Afrika gukurikiranira hafi ibikorwa vy’uwo mugwi mu ntumbero yo gufasha kugira hazoshingwe umugwi unywanisha abarundi koko, nkuko vyari vyarumvikanywe mu masezerano ya Arusha.
VIII. Kuwa 20 munyonyo n’umusi mpuzamakungu wahariwe amategeko akingira umwana. Mu Burundi ngo umwana w’umurundi ntakingiwe bikwiye, mu gihe hacibonekeza abana bavuka ba nyina bakabata, abandi nabo bagakoreshwa mu gusegereza mu mabarabara. Ivyo vyashikirijwe n’ishirahamwe ONLCT Où est ton frère, ishirahamwe ryishinze kurwanya ivyaha vy’ubwicanyi. Prime MBARUBUKEYE arirongoye, agasaba reta guhimiriza abajejwe intwaro bo hasi, kugira agateka k’umwana kubahirizwe kuva hasi.
IX. Icuka si ciza hagati y’umukuru w’umutumba wa Gashasha muri komine Rumonge, hamwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi. Urwo rwaruka rumwagiriza kunyonyeza amatungo y’umutumba arongoye. Ivyo bikaba vyatumye bamwe muri izo mbonerakure bapfungwa, nk’uko amakuru ava aho mu Rumonge abivuga.

Ibindi bisa n'ibi