-
Inzu y’uwahoze ari icegera cumukuru wigihugu Bernard Busokoza iri kumutanga Nord mugisagara ca Bujumbura kuruno wagatatu ibintu vyose vyarimwo vyaratwawe n’abantu bari bahagarikiwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika. uwo yahoze ari icegera cumukuru wigihugu Bernard Busokoza akaba yibaza ko bijanye nimanza zari zaciwe mumwaka 2020 zijanye nivyo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu cumuhisi president NKURUNZIZA nibijanye nigadagurwa rya president Melchior Ndadaye uwo yahoze ari icegera c’umukuru wigihugu bamwagiriza ko abifisemwo uruhara. Bernard BUSOKOZA avuga ko atigeze yemererwa kwunvirizwa na sentare canke ngo yunguruze. Kubwiwe ngo ibiriko biramubako n’agatotezo katagira izina.
-
Mu rukurikirane rwabafise ico bazi kw’igandagurwa ry’uwahoze ari umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye n’ubwicanyi bwakurikiye mu mwaka w’1993, inyuma y’imyaka 30, Muganga Alphonse Rugambarara umwe mubanyepolitike yagiye mu biganiro vy’abarundi vyashitse ku masezerano y’i Arusha, amenyeshako ayo masezerano ategekanya inyishu nyinshi zari gufasha u Burundi gusohoka mu ndyane zari zatanguye inyuma y’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye.
-
Abanyagihugu bo muri commune Nyanza-lac bariyamiriza inyifato y’umupolisi anyonga imodokari yiyo komine azwi kw’izina rya Bigirimana. Babivuze inyuma y’aho asohoreye amasasu mu ntumbero yo gutera ubwoba abantu 2 bavukana ngo bikunde bapakire ibikotikoti vy’imyumbati mumodokari ya commune bivugwa ko ari ivya Marie Goreth Irankunda arongoye iyo commune. Ivyo bikaba vyabaye kur’uyu wa gatatu. Abo banyagihugu ngo barabibwiye uwurongoye igipolisi mur’iyo komine ariko nta na kimwe vyahinduye.
-
Itegeko ry’umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekano risaba cane cane abajejwe intwaro kuba batanguye kworora inkwavu nimiburiburi zitanu imbere yuko uku kwezi kw’icumi guhera , ngo ni ingongo y’agahotoro kandi yafashwe hakoreshejwe igikenye. Ivyo bivugwa n’umuhari MAP Burundi Buhire. Uyo muhari ubona mbere yuko umugambi wa leta usaba abanyagihugu bose kworora inkwavu , ari umugambi wafashwe gihutihuti utabanje kwigwa neza. Umuhari MAP Burundi Buhire ubonako uwo mugambi ugoye gushira mu ngiro , uravye ubukene abanyagihugu barimwo muri kino gihe kuko ngo kugura izo nkwavu n’ukuzorora ngo bisaba uburyo bwinshi.
-
Kuriri genekerezo rya 20 Gitugutu amakungu arahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe gutatura amatati n’indyane. Uyu musi ushitse mu Burundi hakiri indyane mu barundi ziva ahanini kukarenganyo no gukoresha inguvu hagati y’abantu. Uko niko bibonwa n’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi kugira bashike kwiterambere rirama. Faustin Ndikumana arirongoye akavugako hakwiye kwamaho ibiganiro kugira indyane zitoregwe umuti biciye munzira y’amahoro. Agasaba kandi abarongoye igihugu gushiraho akaryo kugira habe umwumvikano w’abarundi bose harimwo n’abahunze kugira igihugu gishobore gushika kw’iterambere cipfuza.
-
Umutumire wa radio Inzamba agateka kawe: Muganga Alphonse Rugambarara