Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/12/2019

Publié le 20 décembre 2019 par Rédaction

I. Kuri uno wa gatanu, niho haburanishwa muri sentare ntahinyuzwa, urubanza rujanye n’igandagurwa rya peresida Melchior Ndadaye. Abashingwamanza baburanira bamwe mu bagirizwa muri urwo rubanza batari mu gihugu, bakaba batumvirijwe na sentare. Kubw’umushingwamanza Vital Nshimirimana ngo ntawovuga ko urwo ari urubanza, aho sentare yagize icitwazo co kutumviriza abashingwamanza baburanira bamwe mu batari mugihugu.

II. Umushingwamanza Vital Nshimirimana avuga ko ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza hariho bamwe mu bategetsi nka Pierre Buyoya n’abandi, bariko bararondera kwegekako  ico caha no gushaka kwikundwakaza ku mugambwe CNDD-FDD muri kino gihe twimirije amatora.

III. Umugambwe CNL wa Agathon Rwasa uridoga. Uvuga y’uko ufise amakuru yo kwizera, yerekana y’uko hari abategetsi b’igihugu n’ab’ubugambwe uri ku butegetsi, bariko bategura irementanya ryo kwagiriza umugambwe CNL ko ufise abagwanyi. Intumbero y’iryo rementanya ngo ni ugutoteza abategetsi b’uwo mugambwe na cane cane umukuru wawo Agathon Rwasa; hamwe rero no gufuta CNL mu migambwe izokwitaba amatora yo mu 2020. Aimé Magera umwe mu ndongozi z’umugambwe CNL, ariyamiriza uwo mugambi ngo atakindi ugamije atari gukumira iyindi migambwe.

IV. Gukumirwa no guharirwa ivomo kw’u Burundi mu makungu, vyaragize ingaruka ku gihugu no ku banyagihugu. Ivyo biri mu cirwa c’ishirahamwe rukiristu ryishinze kurwanya isinzikarizwa buzima rya kiremwa muntu ACAT-BURUNDI. Umukenyuro mushasha wo gusigurira amakungu ikibazo c’Uburundi inyuma y’amatora yo mu mwaka uza w’2020, nivyo ahanini abitavye inama yo guhanahana ivyiyumviro bashimikiyeko.

V. Amazu agera kuri atanu yarasenyutse mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, ibikoresho vyo munzu birononekara muri zone Buterere mu gisagara ca Bujumbura bivuye ku ruzi Kinyankonge rwuzuye, rurata inzira kubera imvura nyinshi imaze imisi igwa. Imvura nyinshi yaraguye kandi mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, muri komine Buganda, intara ya Cibitoke ,  ama hectares arenga 700 y’imirima yaratwawe n’uruzi Kagunuzi rwuzuye.

VI. Amazu 4 yo kudandarizamwo y’impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu ca Malawi, yarasahuwe mu myiyerekano yagizwe n’abanya Malawi ku wa mbere no ku wa kabiri mu gace ka  Gasungu ku murwa mukuru wa Malawi. Bikaba vyatewe n’umwana w’umunya malawi yapfuye yariwe n’imbwa itunzwe n’umurundi. Abanyamalawi baba aho i Gasungu, baciye bagira imyiyerekano yo kwiyamiriza impunzi z’abarundi muri ako gace, nk’uko umwe mu barundi baba aho muri Malawi abivuga.

Ibindi bisa n'ibi