Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/12/2021

Publié le 20 décembre 2021 par Rédaction
I. Abapolisi batandatu hamwe n’abasirikare bane baraye bishwe mu gitero c’abitwaje ibigwanisho. Ico gitero cabaye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana, muri zone Gatumba komine Mutimbuzi n’intara ya Bujumbura, ku rubibe Uburundi buhana na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ayo makuru akaba avuga ko hari n’abandi bakomeretse, ni mu gihe igisirikare kivuga ko hapfuye umusirikare umwe, kandi batewe n’imigwi y’abasuma yitwaje inkoho n’ama grenade.
II. Ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe mu gatondo ko ku munsi w’Imana kuri transversale ya 12 ku musozi Rusiga, zone n’intara ya Cibitoke. Icamwishe n’ico yoba yarazize ntikiramenyekana. Amakuru ava mu Cibitoke, amenyesha ko uwo mugabo yishwe acumiswe imbugita. Akibonwa, akaba yarafise amaraso mashasha aryamye mu murima uri ku musozi Rusiga, nkuko bibandanya bivugwa n’abo banyagihugu. Abajejwe intwaro n’igipolisi mu Rugombo, bakaba baciye baha itegeko urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi kumuhamba.
III. Ubwicanyi bwabaye mu mwaka 1972 mu Burundi ngo n’ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw’abahutu. Ivyo n’ivyashikirijwe n’umugwi CVR washinzwe gutohoza kugira hamenyekane ukuri ku bwicanyi bwabaye; hari imbere y’abagize inama nkenguzamateka na nshingamateka, kuri uyu wa mbere. Umugwi CVR uvuga kandi ko hari ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwakorewe abarundi bo mu bwoko bw’abatutsi. Ubwo bwicanyi umugwi CVR ukabwegeka kuri leta yariho ico gihe. Umugwi CVR usaba leta iriho gusaba ikigongwe no gushinga umusi wo kwibuka ihonyabwoko ry’abahutu mu 1972.
IV. Ishirahamwe AC Génocide Canada ririyamiriza icegeranyo c’umugwi CVR kuko ngo washizweho ubwa mbere n’abasanzwe bagirizwa ihonyabwoko mu Burundi, nkuko vyemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga wa AC Génocide Canada, aributsako genocide ari icaha gihanwa n’amasentare mpuzamakungu kandi kidashobora gutohozwa ngo congere cemezwe ku rwego rw’igihugu.
V. Frédéric Bamvuginyumvira na we yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu asigura ko ata mugwi w’igihugu ushobora kwemeza ihonyabwoko, nk’uko biri mu mategeko y’Uburundi. Ku bwiwe ahubwo ngo hari hakwiye gukorwa amatohoza yimbitse ku bwicanyi bwabaye mu 1972, bafadikanije n’abahinga ba ONU nk’uko vyanditswe mu masezerano ya Arusha, gutyo bakamenya nimba ari ihonyabwoko ryabaye.
VI. Ipfungwa rya Gérard Ndayisenga, umukozi w’iperereza yagirizwa kwica abanje kuboreza igufa Augustin Matata umunywanyi w’umugambwe CNL, ryoba rifise ibindi vyinyegeje inyuma yaryo, harimwo no gusamaza abantu. Ivyo bivugwa n’abaharanira agateka ka zina muntu, aho bafatira ku vyo bagiye barabona muri kahise, aho abakozi b’iperereza bapfungwa akanya gatoya mu nyuma bagaca barekurw,a  bagasubira gukora ivyaha nk’ivyo bari bapfungiwe.
VII. Hari umunywanyi w’umugambwe CNL yitwa Mbarubukeye batazira Ndederi, aturuka ku musozi Susa, zone Murungurira komine Ntega mu ntara ya Kirundo, afungiwe mu gasho ka komine Ntega  kuva kw’italiki y’umunani uku kwezi turimwo kwa 12. Amakuru ava muri iyo komine, avuga ko yoba afunzwe kubera irementanya rikorwa n’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD kuri uwo mutumba wa Susa  amwagiriza kuba yarashurashuje umugore atari uwiwe. Ariko ivyo, abo mu muryango w’uwo yagirizwa bavyamirira kure, bakavuga ahubwo ko ari itotezwa ry’abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi ribandanya.
VIII. Abanyagihugu baba ku mugwa mukuru w’intara ya Makamba, baratewe umutima uhagaze n’irwirirana ry’abagwaye umugera wa Covid-19 babandanya biyongera. Amakuru ava ngaho, yemeza ko n’abatowe umugera bakaja gufatira imiti muhira, bamwe muri bo badaheza ngo bagume muhira. Bamwe muri bo babandanya kuja no kwisumamwo mu mirimo yabo ya minsi yose.
IX. Imfashanyo y’amafaranga yababa imiliyaridi 300 z’amarundi iheruka kwemerwa n’ibanki y’isi, ni umutahe uzofasha abarundi bagowe gusumba abandi, kwisununura. Bishikirizwa na Evariste Ndayishimiye umukuru w’igihugu c’Uburundi, hari kuri uyu wa mbere mu nama yagiranye n’abajejwe igisata c’imibano. Yaboneyeho no gushimira abatanze iyo mfashanyo, agasaba kandi ba bulamatari na ba musitanteri, kugira rusansuma rw’abakenye gusumba abandi, no gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’imigambi.
X. Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi w’abigeme batarenza imyaka 20, warasezeye amahiganwa yo kurondera ibihugu bizitabira igikombe c’isi, kizobera muri Costa Rica mu mwaka uza, ukuwemwo na Tanzaniya. Muri basketball, ihiganwa ryo kuraba umugwi ukomeye kurusha iyindi ryaraye risozereye intambwe ya mbere umugwi w’Urunani uvuye muri iryo higanwa.

Ibindi bisa n'ibi