Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 20/12/2022

Publié le 20 décembre 2022 par Rédaction
I. Tony Germain Nkina yejejwe na sentare isubiramwo imanza ya Ngozi, urubanza rwiwe rukaba rwasomwe kuri uno wa kabiri. Uyo mushingwamanza akaba no mu baharanira agateka ka muntu yaramaze imyaka 2 apfunzwe, amashirahamwe aharanira agateka ka muntu akaba ashima iyo ngingo ya sentare.
II. Abanyororo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Rumonge baridoga ko bafise ingorane y’ukuronka ivyo bafungura. Bavuga ko inzara iri mu kubica. Bagasaba ko bofashwa amazi atararenga inkombe.
III. Amajambo yashikirijwe n’intumwa za Leta y’Uburundi yo kwumvisha impunzi zahungiye mu Rwanda ko zotaha, ntawoyizera hafatiwe kuri kahise ka bamwe muri izo ntumwa. Uhereye kuri André Ndayambaje, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere ridakumira, akaba ari na we arongoye izo ntumwa, yagirizwa kuba ataco yakoze kugira ngo akingire abanyagihugu bishwe mu 2015, igihe haduka indyane zifatiye kuri politike. Ico gihe yari umuyobozi mukuru w’igipolisi c’Uburundi. Nayo buramatari w’intara ya Kirundo, Albert Hatungimana, yagirizwa gutoteza abatari mu mugambwe CNDD-FDD.
IV. Naho leta ibandanya guhamagarira impunzi gutaha, imbonerakure zo z’umugambwe uri ku butegetsi nta gahengwe zitanga i Nyanza-Lac. Umuryango w’umugabo w’imyaka irenga 60 yakubiswe n’imbonerakure zibiri usaba ko ubutungane bwokora. Ivyo vyabereye i Nyanza-lac, mu ntara ya Makamba. Patrice Ntiganzwa ubu akaba amerewe nabi inyuma y’aho aborejwe igufa n’urwo rwaruka rw’umugambwe CNDD-FDD, muri bo harimwo Charles Nduwimana, azwi ku matazirano ya Mugomozi Sadamu.
V. Umushingamateka w’umurundi Joseph Ntakirutimana akomoka mu mugambwe CNDD-FDD ni we yatowe kuri uyu wa kabiri kugira arongore inama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’ubuseruko EALA, mu kiringo c’imyaka 5. Akaba asubiriye umunyarwanda yitwa Martin Ngoga, asozereye ikiringo ciwe.

Ibindi bisa n'ibi