I. Ubwoba ni bwinshi mu banyagihugu bo muri komine ya Bukirisazi, yo mu ntara ya GITEGA, inyuma y’imyiyerekano yagizwe n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD, ku muhingamo wo ku munsi wa gatanu. Nk’ukwo abo banyagihugu bavyemeza, ingo za bamwe mu ndongozi z’umugambwe CNL, zaragizweko iterabwoba muri iyo myiyerekano.
II. Birateye isoni kurandura canke gutemagura ibiterwa, kubera arivy’abatavuga rumwe na Leta, bishikirizwa na Karoli Mukasi, umwe mu banyepolitique, yahoze arongoye umugambwe w’abadasigana UPRONA. Ivyo akabivuga mu gihe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana, hari imirima yarandaguwe mu ntara ya Kirundo, iyo mirima ikaba ari iy’abanywanyi b’umugambwe CNL. Ku bw’uwo munyapolitique, ngo ivyo vyose biba kubera ukudahana.
III. Umuhari uharanira agateka ka muntu, Iteka, uriyamiriza ukudahana abakora amabi atandukanye abera mu Burundi. Icegeranyo c’ibijanye n’agateka ka muntu, mu ndwi yo kuva kw’igenekerezo ya 13 gushika italiki 19 uku kwezi, uwo muhari werekana ko abantu 6 bishwe, 2 barahagarikwa hahonyanzwe amategeko, umwe arasinzikarizwa ubuzima, uwundi akorerwa amabi afatiye ku gitsina. Ligue Iteka ikababazwa n’ukwo abakoze ivyo vyaha badahanwa. Andrée NSABIMANA, ajejwe kumenyesha amakuru muri ligue Iteka.
IV. Hari abarundi batatu baherutse gucirirwa umunyoro w’imyaka ibiri na sentare y’akarere ka Mpanda, mu gihugu ca Tanzaniya. Bakaba bagirwa n’icaha c’ukwo binjiye muri ico gihugu ca Tanzaniya, badafise impapuro zikwiye kandi baciye mu kiyaga ca Tanganyika.
V. Urunani rw’abaharanira agateka ka muntu, baba mu makambi y’impunzi barerekana amakenga bafise ku rugendo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Pascal BARANDAGIYE, yagize kuri uyu wa mbere mw’ikambi y’impunzi ya KAKUMA muri Kenya. Mw’itangazo rwasohoye, urunani CBDH-VICAR rubonako urwo rugendo rwari urwo guhimiriza abategetsi ba Kenya, ngo bategeke impunzi z’abarundi gutaha ku gahato. Kubera ivyo, urwo runani rugasaba ibihugu vy’akarere hamwe na ONU, kugira ico bakoze kugira amatati ari mu Burundi atore inyishu, gutyo impunzi zizotahe ku gushaka kwazo.
VI. Abanyeshure b’impunzi bahungiye mw’ikambi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzania, bagera kuri 350, barakoze ikibazo ca leta kuri uyu wa kabiri, kibaha uburenganzira bwo kuja mu mashure ya kaminuza. Umwe mu mpunzi yo muri iyo kambi, arashima ko abo banyeshure bashoboye kuronka uburenganzira bwo gukora ico kibazo cari gitegekanijwe gukorwa mu mwaka uheze. Abarundi bahungiye muri iyo kambi, bagasaba leta ya Tanzaniya na HCR, kubafasha kugira n’abandi bakeneye kwiga amashure ya kaminuza bafashwe.
VII. Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi uriyamiriza ikatwa ku nguvu ry’amafranga 500 y’amarundi ku mishahara y’abigisha, biriko birakorwa na syndicat COSSESONA. Mu kiganiro yagirishije abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri kuvyerekeye amatohoza baheruka gukora, Sixte Vigny Nimuraba arongoye CNIDH yasavye ko ko abantu batatu baserukira ama syndicats SYGEPEBU na CEPEDUC bafunzwe, borekurwa ata gisabwe kuko bariko bararenganywa.
VIII. Ntakintu nakimwe ngo gishobora gusobanura, ipfungwa ry’umumenyeshamakuru kubera amakuru yashikirije mu gihe uwumva ko yoba yabeshewe atasavye ijambo ngo abeshuze, akaribura. Ivyo n’ibishikirizwa n’umushingwamanza Yves RUNYAGU, afatiye kw’ihagarikwa n’ifungurwa ry’umumenyeshamakuru wa Radio Isanganiro akorera mu ntara ya KARUSI, Blaise Pascal Kararumiye. Uwo mushingwamanza aranegura ko vyabonetse ko n’ubu hakiri abategetsi bitwaza ivyicaro barimwo, mu kurenganya abandi. Umushingwamanza RUNYAGU arakebura abashikirizamanza gukora buzuriza abanyagihugu, aho gushaka gushimisha umutegetsi kanaka.
IX. Ivyo umushingwamanza Yves RUNYAGU akaba abivuze mugihe uno musi ugize uwa 92 hari abandi bamenyeshamakuru bane Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Thérence Mponzenzi na Egide Harerimana b’ikinyamakuru Iwacu bafunzwe. Bafashwe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, bagiye gutohoza amakuru ku vyerekeye igitero c’aba robeli i Musigati mu ntara ya Bubanza. Imyaka 15 y’umunyororo niyo umushikirizamanza aburanira Leta aherutse gusabira abo bamenyeshamakuru abagiriza gukorana n’abarobeli muri ico gitero.