I. Hari ikiziga c’umurundi azwi kw’izina rya Ndikumana Libère aturuka ku mutumba wa Kayoyo, Komine Mugongomanga, mu ntara ya Bujumbura, catowe ku wa gatatu mu gatondo ka kare ahitwa Nzaza mu gihugu ca Tanzaniya ku metero nka 200 uva muri ico gihugu winjira mu Burundi, ku rubibe rw’Uburundi i Kobero, muri komine Butihinda, intara ya Muyinga, nk’uko amakuru atangwa n’abegereye aho uwo muhisi yatowe abimenyesha. Ndikumana Libère akaba yagandaguwe n’abantu batamenyekanye, bamukubise icuma mu mutwe, gushika ubu akaba ata muco uraboneka ku bijanye n’aboba barakoze ubwo bubisha. Igipolisi kijejwe uruja n’uruza aho ku mupaka w’I Kobero kikavuga ko Libère Ndikumana yoba yaravuye mu gihugu ca Zambia nkuko impapuro z’inzira zivyerekana. Ikiziga c’umuhisi kikaba caciye kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro bikuru vy’i Muyinga. Igipolisi kikavuga ko amatohoza yatanguye mu ntumbero yo kumenya abagandaguye Libère Ndikumana.
II. Ifatwa n’itotezwa ry’abanyagihgu bafitaniye ubucuti canke ababanyi b’abagirizwa ivyaha, biteye kubiri n’amategeko avugako umuntu icaha agikora kandi akagihanirwa ku gatwe kiwe. Ivyo bivugwa n’umushingwamanza Janvier Bigirimana aho yiyamiriza kandi ingendo y’igipolisi yo kwagiriza icaha ababa bahejeje gufatwa, nkuko umenga bamaze guciribwa imanza n’ama sentare. Ivyo akaba abivuze inyuma y’abantu bafashwe bongera baratotezwa muri komine Burambi y’intara ya Rumonge.
III. Imvugo y’umuvigizi w’igipolisi c’Uburundi Petero Nkurikiye yo kwemeza ko umupfakazi Christa Kaneza ari mu bishe umugabo wiwe, yerekana ko umuvugizi w’igipolisi yasubiririye ubutungane mu kwagiriza umuntu ataragirwa n’icaha. Mw’ishirahamwe Ndondeza rikora amatohoza ku babuzwe irengero, bavuga ko ububeshi bwamaze kuba umugenzo w’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi, mu kwagiriza abantu icaha ata vyemezo bigaragara yerekanye. Pacifique Nininahazwe arongoye umugambi Ndondeza asigura ko umusi uri izina, Petero Nkurikiye azokwishura amabi yagiye arambika abantu.
IV. Ishirahamwe ACAT Burundi ririyamiriza ihonyanga ry’amategeko ry’igipolisi c’Uburundi. Mw’itangazo ryasohoye kuri uyu wa kane, iryo shirahamwe ribishikiriza rifatiye ku nyifato y’umuvugizi w’igipolisi aho amaze iminsi avuga ido n’ido ry’imanza z’abafashwe, kandi batararengutswa imbere y’ubutungane. ACAT Burundi igasaba leta y’Uburundi kwubahiriza amategeko mpuzamakungu yubahiriza agateka ka zina muntu. Me Jean Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’ubutungane muri ACAT Burundi.
V. Amazu atari make yo muri karitiye Birimba ku murwa mukuru w’intara ya Rumonge arageramiwe n’imyuzurira y’amazi avuye ku mvura. Ivyo bikaba bitumwa n’uko ata miserege yaciwe ngo itware imivovo, abantu na bo bakubaka uko bishakiye. Abanyagihugu bahaba bakaba batekewe n’ubwoba ko umwanya n’umwanya ayo mazu ashobora kubabomokerako.
VI. Impunzi z’abarundi zari zimaze imyaka 2 ziri mw’ikambi y’agateganyo ya Sange muri Republika ya Congo iharanira Demokarasi zaraye zimuriwe mw’ikambi ya Mulongwe muri ico gihugu. Zivuga ko zitaronkejwe imfashanyo zishobora kumererwa nabi, kuko zidafise ico zifungura no kutagira uburyo bwo kwivuza.