I. Abantu 3 bitavye Imana mu masanganya abiri yabereye mu ntara ya Ngozi, mu gitondo co kuri uyu wa gatanu. Ayo masanganya rimwe rikaba ryabereye muri komine Gashikanwa, ari na ryo ryahitanye abantu 3 bari kw’ipikipiki bagonzwe n’imodokari yo mu bwoko bwa Toyota Probox, nk’uko amakuru dukura ngaho i Gashikanwa abivuga. Irindi sanganya ryabereye aho bita Kinyare usohotse igisagara ca Ngozi. Aho naho iryo sanganya ryabaye ku muduga wunguruza abantu w’ishirahamwe Mémento. Iryo sanganya ngo rikaba ryavuye kuri bus yunguruza abantu yagomvye kurengana iyindi modoka. Iyo bus yunguruza abantu ikaba yaciye ita ibarabara kuko umu chauffeur wayo yanse ko isekana n’iyindi modoka vyari bihuye ica iterwa n’igiti. Igitigiri kitaramenyekana c’abari muri yo, bakaba bakomeretse harimwo n’umu chauffeur yababaye cane. Abakomeretse bakaba baciye batwarwa mu bitaro bitandukanye vyo mu gisagara ca Ngozi.
II. Igisongerezi mu gipolisi muri komine Taba mu ntara ya Gitega yarishwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatatu n’abantu bataramenyekana, bamutemaguye mu mutwe n’imipanga. Abanyagihugu bo muri komine Taba bo bamenyesha ko naho bibabaje ko uyo mupolisi yishwe, bagiye kuruhuka amabi yahora abakorera.
III. Ishirahamwe SOS-Torture Burundi rihamagarira abarundi n’amakungu kubona ko ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi rikibandanya. Biri mu cegeranyo casohowe n’iryo shirahamwe kuri uyu wa kane. Ku bwa Aimé Kwizera ajejwe kumenyesha amakuru muri iryo shirahamwe, ngo birihuta ko abafasha Uburundi bakoresha ubushobozi bafise, kugira bagondoze leta y’Uburundi yemere gukorana n’intumwa idasanzwe ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi, n’ayandi mashami y’iryo shirahamwe mpuzamakungu yitaho agateka ka zina muntu.
IV. Ukurondera kugarukana amahoro mu gihugu ntivyategerezwa kuba icitwazo co gutoteza abatari mu mugambwe uri ku butegetsi. Ivyo umwungere wa diyoseze nkuru katolika ya Gitega yabisiguye mu nkuka y’imisa yari arongoye, yatanguje igisabisho catunganijwe kuva kuri uyu wa kane mu gisagara ca Gitega n’umugambwe CNDD-FDD. Simoni Ntamwana yanahamagariye umugambwe uri ku butegetsi gutuza ivyo kutihanganiranira mu vya politike, ikumira iryari ryo yose, ukanatsimbataza intwaro rusangi nyakuri.
V. Inteko za AMISOM zigiye kugabanywamwo abasirikare bangana ibihumbi umunani gushika mu kwezi kwa kigarama uyu mwaka. Inteko za AMISOM bitegekanijwe ko zizoguma zigabanywa kugeza mu mpera z’umwaka wa 2023. Ivyo biri mu butumwa abarongoye inteko za AMISOM barungikiye ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika mw’ibanga, mu ntumbero yo gusozera neza ibikorwa vya AMISOM. Ubwo butumwa bukaba bwarungitswe inyuma y’inama yabaye hagati y’abarongoye inteko za AMISOM, inzego z’igihugu ca Somaliya n’abasanzwe bafasha. Igihugu c’Uburundi kikaba ari ica kabiri gifise ingabo nyinshi mu nteko za AMISOM inyuma y’igihugu ca Ouganda.
VI. Haribonekeza ubukene budasanzwe bw’isukari mu gihugu cose cane cane mu gisagara ca Bujumbura, haraheze igihe. Uwushoboye kuyironka muri iki gihe, akaba ayironka ku mafaranga ari hagati y’ibihumbi bine n’ibihumbi bitanu. Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura babona ko mu gihe hoba uguha uruhusha abadandaza benshi vyofasha haguha bamwe ari na bo rimwe na rimwe batuma ubwo bukene, bivuye ku gushaka inyungu z’umurengera. Ku ruhande rw’ishirahamwe SOSUMO rikora rikongera rikadandaza isukari, baremeza ko ico kibazo kigiye gutora inyishu kuva mu ndwi iza.
VII. Ubukene bw’ibinyobwa vya Brarudi bubandanya bwibonekeza mu ntara ya Rumonge. Abavyihereza bavuga ko bisigaye vyarabaye nk’umuzi w’ibuye mu bunywero bw’iyo ntara, aho bibonetse naho, bikaba biri ku biciro vyo hejuru. Bamwe mu baba muri iyo ntara basanzwe banywa ivyo binyobwa, bagasaba ko abajejwe intwaro bofata mu minwe ico kibazo.
VIII. Imigwi 16 izokina igice c’umunani gishira ica nyuma mu nkino z’igikombe ca Afrika muri Cameroun, yaraye imenyekanye, ico gice kikazotangura ku musi w’Imana igenekerezo rya 23 za kuno kwezi. Muri ico gikombe ca Afrika kigira ica 33, Algériya yatwaye igiheruka yaraye iseze amahiganwa.