Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/01/2023

Publié le 21 janvier 2023 par Rédaction
I. Ibizova mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD-FDD izoba ejo aho bukera, ngo bizotuma abarundi bamenya nimba koko Evariste Ndayishimiye ivyo avuga vyo kurwanya igiturire ari intumbero ishoboka, canke nimba ari amajambo gusa. Uwo n’umwihwezo w’abasesanguzi ba politike y’Uburundi bavuganye na Radiyo Inzamba Agateka Kawe. Incamake y’umwihwezo wabo.
II. Abarundi bagiye mu bihugu vya buraya baciye muri Serbie batanze amafranga menshi, mu gihe ayo mafranga bari kuyakoresha mu gukora imigambi yo kwiteza imbere. Kubw’umukuru w’igihugu c’uburundi Evariste Ndayishimiye, amafranga batanga ntiyari musi y’imiliyoni 8. Akaba yabishikirije kuri uyu wa kane mu ntara ya Gitega, mu gikorane categuwe n’umugambwe CNDD-FDD. Akaba asaba abarundi gukerebuka kugira bakore bibesheho.
III. Ntibihagije kuronka amafranga mu gihugu ata mutekano uhari, aho abanyagihugu babayeho mw’iterabwoba ry’imbonerakure. Ico ni co bamwe mu bahunze bemeza ko catumye bagenda kurondera ubuhungiro mu bihugu vya buraya, baciye muri Serbie. Bavuga ko bahunze umutekano muke utuma ata kintu na kimwe c’iterambere ushobora kwiyumvira, no mu gihe woronka amafranga. Nk’uyu murundi ari mu bagiye muri ivyo bihugu, avuga ko umukuru w’igihugu atarakwiye kubidogera nyabuna yarakwiye guhindura ibituma bahunga igihugu c’amavukiro.
IV. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ntakwiye kwita urwaruka rwagiye kurondera ubuzima mu bihugu vya buraya ko ari abasezi, ahubwo akwiye gufata akongera agahana akagwi kiba ibigega vya leta gatuma ubutunzi busubira inyuma. Bisigurwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM rikangurira abarundi guhindura ingendo. Ku bwiwe, kubona urwaruka ruhunga Uburundi n’ingaruka zo kubura akazi kuko ata migambi y’urwaruka ihari, uretse gusa abasahura igihugu.
V. Umutamakazi yari azwi kw’izina rya Maragarita Mpawenimana w’imyaka 60 n’umwuzukuru w’umukobwa yari afise imyaka umunani, baraye bitavye Imana ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu, bakubiswe n’inkuba. Ivyo vyabereye ku mutumba Mugongo wa komine Kabarore mu ntara ya Kayanza, igihe hariko haragwa imvura y’igihuhusi muri ako karere. Imvura nk’iyo nyene ivanze n’urubura, ikaba yaraguye mu ma komine ya Gatara na Gahombo, ku muhingamo wo ku musi wa gatatu w’iyi ndwi, aho ku mitumba indwi yononye imirima y’ibiterwa iri ku buringanire bwa hegitari 900, nk’uko bishikirizwa n’abajejwe intwaro. Mu biterwa vyononekaye harimwo ibiti vy’amavoka, ikawa, imyumbati, ibigori, ibiraya n’ibindi. Imiryango 1353 yaragizweko ingaruka zatewe n’iyo mvura, bagasaba abagira neza kubagarukirako.
VI. Amagorwa impunzi z’abarundi zibayemwo muri Tanzaniya yoba agiye gusezererwa? Ico ni co cizere bafise, inyuma y’aho abategetsi b’ico gihugu bamenyesheje ko hari inyigisho zijanye n’amategeko zigiye gutangwa ku mpunzi zose zo mw’ikambi ya Nduta. Bakizera ko ubwo bumenyi buzoraba bose, n’ukuvuga izo mpunzi n’abatanzaniya, kugira ntibasubire gufatwa nabi. Ico ni co cizere gishikirizwa n’imwe mu mpunzi zo muri iyo kambi.
VII. Mu kiganiro Kw’īsôko c’uno musi, tugaruka ku ngingo y’ubushikiranganji bw’ubutungane yo gutezurira abapfungwa bagirizwa ivyaha bito bito.

Ibindi bisa n'ibi