I. Umunyororo waciriwe abamenyeshamakuru bane b’ikinyamakuru IWACU, uraraje ishinga abahinga bigenga ba ONU. Abo bahinga biyamiriza iryo pfungwa mu gihe himirije amatora. Michel Forst, umunyamabanga adasanzwe w’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu, amenyesha ko guhanisha umunyororo abamenyeshamakuru bari kukazi kabo, bitumvikana.
II. Inyuma y’amezi 3 hariko harakorwa isekeza ryo gukangurira abahuye n’ivyago bihanwa na sentare mpuzamakungu CPI, abaritunganije bahurikiye mu mashirahamwe ashigikiye ibikorwa vy’iyo sentare, barashima ibimaze gushikwako. Tubishikirizwa n’umushingwamanza Lambert Nigarura, arongoye urunani rw’abashigikiye ibikorwa vya CPI.
III. Umuntu umwe yaraye yishwe, arashwe n’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane. Ubwo bwicanyi, bwabereye muri zone Kanyosha, ya komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura. Abegereye umuryango wiwe, basaba ko hokorwa amatohoza kugira ngo abakoze ubwo bubisha, bamenyekane bongere bashengezwe mu butungane.
IV. Abanywanyi babiri bo mu mugambwe CNL, barahagaritswe kuri uyu wa kane, mu ntara ya Kirundo, komine Busoni, na bamwe mu bajejwe intwaro muri iyo komine. Abanywanyi b’uwo mugambwe bakabona ko ari agatotezo bakoregwa.
V. Ingoro y’umugambwe CNL ku mutumba na zone Munago, muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro, yaraye ibomowe mur’iri joro ryakeye. Iyo ngoro ikaba yari yubatswe ku mutumba musitanteri w’iyo komine avukako, akaba yari amaze kuburabuza ibikorwa vyo kwubaka iyo ngoro.
VI. Abarongoye ikambi y’impunzi z’abarundi z’i Mulongwe, muri Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo, barikumwe n’abajejwe intwaro barafashe ingingo, kuri uno wa gatatu, yo guhagarika urudandazwa rw’ibinyobwa vyose bitemewe n’amategeko. Ivyo ngo bikaba vyakozwe mu ntumbero yo gutsimbataza umutekano mw’ikambi.
VII. Leta y’Uburundi yarashizeho umugambi wo kunagura ama koperative ariyo mashirahamwe yo kuguranana, umugambi wagiye mu ngiro kuva umwaka wa 2017. Icagiye kwibonekeza n’ukwo ayo ma koperative Sangwe, yahavuye yiharirwa n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD gusa, nkuko biri mu matohoza yakozwe na Radio Inzamba. Ico kibazo caranashitse no mu nama nshingamateka, aho bamwe muri bo bashikirije amakenga bafise, mbere baca banasaba ko ayo ma koperative yojamwo bose, narirya amafaranga akoreshwa ari ayava mu kigega ca Leta.