Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/02/2023

Publié le 21 février 2023 par Rédaction
I. Ikibazo co muri Congo kiri mu vyavuzwe cane mu nama iheruka y’abakuru b’ibihugu vy’Afrika i Addis Abeba. Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba anarongoye umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, EAC, yavuze ko inama yakozwe kuri ico kibazo yatumye batahura igituma ibintu bidakemuka. Akavuga ko abandi bakuru b’ibihugu baciye bamushinga guhuza vyihuta i Bujumbura, imigwi yose yashizweho kugira ifashe gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’ingingo zitandukanye kuri ico kibazo. Yabivugiye ku musi wa mbere ku kibuga c’indege i Bujumbura imbere y’abamenyeshamakuru, igihe yari atahutse avuye muri Ethiopiya.
II. Umukuru w’inama nshingamateka Gélase Ndabirabe yemeza ko ifaranga ry’Uburundi rifise agaciro, n’aho abazungu bavuga ko ata gaciro rigira ugereranije n’amafranga yo mu bihugu vyo muri kano karere k’afrika y’ubuseruko. Ivyo akaba yabivuze kuri uyu wagatandatu, aho yariko ararangura ibikorwa rusangi muri komine Matongo, iri mu ntara ya Kayanza. Ku bwiwe, kubona abarundi bashobora kwigurira inyama, bagafungura ivyo bimbuye ata faranga ry’i dolari ry’abanyamerika barigera bakubita urugohe, n’ikimenyetso ko amafaranga y’amarundi afise agaciro.
III. Intwaro mbi ya CNDD-FDD yatumye ifaranga ry’Uburundi rita agaciro. Ivyo bishikirizwa na Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu. Arongera akamenyesha ko abategetsi bari bakwiye kuvugisha ukuri mu vyo bakora. Frédéric Bamvuginyumvira asigura ko umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe yari gukoresha imvugo bose bumva, agatanga akarorero ko ibifungurwa uko bigurwa haraciye imyaka ibiri canke itatu atariko bikiri ubu, kuko ibintu vyazimvye.
IV. Itunganywa nabi mu bijanye n’intwaro ni vyo biza kw’isonga mu bituma haba ubukene bw’ubutavanako bw’ibitoro mu Burundi. Ivyo navyo ni nk’abiharira isoko ryo kuzana ibitoro hamwe no kudahana abafatwa bacishije mu nzira zitari zo amafranga y’agaciro. Ivyo bivugwa na Faustin Ndikumana, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abantu guhindura ingendo, inyuma y’aho hasubiye kwibonekeza ikena ry’ibitoro mu bice bitandukanye. Mu gihe bidakunze ko haba umuco mw’itunganywa ry’ibitoro, avuga ko ubukene bw’ibitoro buzokwama ari intambamyi mw’iterambere ry’igihugu.
V. Faustin Ndikumana avuga kandi ko hakwiye isuzuma ku bahabwa amasoko, na cane cane gusuzuma ko bafise ubushobozi bwo kugishikana mu Burundi, kugira ntihasubire kuba amanyanga ayari yo yose. Faustin Ndikumana asaba leta gutegekanya amafranga yo kubaka ahashingurwa ibitoro, mu nteguro y’amafranga leta izokoresha mu mwaka uza.
VI. Ingendo ziheruka gukorwa n’abarundi baja mu bihugu vy’i buraya baciye mu gihugu ca Serbiya ngo ni ingendo zaranzwe n’ingorane zitandukanye. Amatohoza aheruka gukorwa na Alain Majesté Barenga, umumenyeshamakuru yigenga, yerekana ko abo barundi baturubitswe cane mu rugendo, kandi ko bikokoye mu kuronka ivya ngombwa bijanye n’urugendo.

Ibindi bisa n'ibi