I. Leta y’Uburundi iremeza neza ko amatora yo mu kwezi kwa gatanu, azoba ukuri kwamye, naho ikiza ca coronavirus gihagaritse umutima isi yose. Prospère Ntahorwamiye avugira Leta y’Uburundi, yabishikirije kuri uyu wa gatanu, mu ntara ya Cibitoke, igihe abavugizi b’inzego zitandukanye z’igihugu bariko barishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru. Iyo ngingo ikaba yiyamirizwa n’abaharanira agateka ka zina muntu, kuko babona ko ishobora guta mu kaga abanyagihugu.
II. Ishirihamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya reta, ryasohoye itangazo aho ritera akamo abategetsi b’igihugu c’Uburundi, kurushirizaho gufata ingingo zijanye no gukinga ikiza coronavirus gihanze isi. Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe, asaba ko ingingo zose zoza ziraba abanyagihugu kuko hamaze kwibonekeza abinjira mu gihugu badapimwe uwo mugera.
III. Ubuserukizi bw’impunzi z’abarundi muri site ya MULONGWE muri repuburika iharanira demokarasi ya Congo, bumenyesha ko ingingo zitari nke zafashwe kugira abari muri iyo site bikingire ikiza ca coronavirus. Muri izo ngingo, harimwo kudasubira guhurira hamwe mu mugwi munini. Bamwe muri izo mpunzi bakabona ko iyo ngingo igoye gukurikiza, narirya abatari bake barara hamwe mu ma hangar.
IV. Abanyororo bababa miringo itanu bo mw’ibohero rya Mpimba barabangamiwe n’abandi banyororo bamuka mu mugambwe CNDD-FDD. Ishirahamwe ACAT Burundi riharanira kurandurana n’imizi kuborezwa igufa, rivuga ko abo banyororo babohewe ukwabo bakaba bafashwe nabi cane. Ivyo bigakorwa ubuyobozi bw’iryo bohero bubibona. Me Jean-Claude Ntiburumunsi ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT Burundi.
V. Iryo shirahamwe ritera akamo reta n’umurwi w’igihugu kugarukira abo banyororo. ACAT Burundi ikaba itibagira amakungu ko yogumiza ijisho ku Burundi kubera amabi ahakorerwa.
VI. Ukurandura imirima n’ugutemagura ibitungwa bifatwa nk’ayandi mabi y’agahomerabunwa, kuko biba bifise intumbero yokwicisha inzara ababikorewe. Ivyo bishikirizwa na Chauvineau MUGWENGEZO, arongoye urunani CFOR, ruharanira iyubahirizwa ry’amasezerano ya ARUSHA. Aho ayo mabi yibonekeje abategetsi bategerezwa kwihutira gukora amatohoza nyayo, kugira ngo ubutungane bukore. Ivyo Chauvineau MUGWENGEZO abishikirije inyuma y’aho haheze iminsi, imirima iranduwe n’ibitungwa bigatemagurwa, n’abantu bivugwa ko ari imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, ku mutumba wa Kigoma, muri komine Bugabira, mu ntara ya Kirundo.