Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/03/2023

Publié le 21 mars 2023 par Rédaction
I. Hari ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, kiryamye mw’ibarabara ahitwa mu Kigwati ku mutumba wa Mukoni muri zone na komine Muyinga, mu micungararo y’umugwa mukuru w’intara ya Muyinga, nk’ukwo amakuru ava kuri uwo mutumba abimenyesha. Uwo yaraye yitavye Imana akaba azwi ku matazirano ya Martino akaba yoba yaturuka ku mutumba Burima muri komine Muyinga nyene nk’ukwo ayo makuru abimenyesha. Martino ngo akaba akekwa ko yoba yari umusuma, abamugandaguye bakaba bataramenyekana. Mu ntwaro bakavuga ko igipolisi catanguye amatohoza mu ntumbero yo kumenya abakoze ico caha.
II. Ngo kimwe mu bituma Uburundi bwama mu ndyane za politike biva aha nini ku kugene ubutungane bwagiye burigenza, mu bihe bitandukanye vy’amabi Uburundi bwagiye buracamwo. Ivyo bivugwa na Pierre Claver Ndayicariye, arongoye umugwi CVR ujejwe kumenya ukuri no kurekuriranira, ni mu gihe uyo mugwi watanguye igikorwa co gusigurira abanyagihugu bo mu ma komine atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura, ivyabaye mu mwaka wa 1972.
III. Frédéric Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu avuga ko ubutegetsi buhari uno munsi, ataho butaniye n’ubwari buhari mu myaka ya 1972. Akabona ko muri iyo myaka yaheze ubutegetsi bwari ubwa gisirikare, n’ubu akaba ari ko bimeze.
IV. Umwungere w’ekleziya gatorika Papa Francisco ahamagarira abarundi kurekuriranira no gusubiza hamwe, bakabana mu mahoro n’umwumvikano, kuko ari yo nzira y’iterambere ku gihugu. Ivyo bikaba vyashikirijwe mw’itangazo ry’inama y’abepiskopi gatorika b’i Burundi CECAB, ryasomwe n’umwepiskopi mukuru w’i Gitega, asanzwe anayirongoye, Bonaventure Nahimana, inyuma y’urugendo    rw’abepiskopi b’i Burundi barongoye ama diyoseze gatorika bagize i Roma kw’igenekerezo rya cumi na gatatu gushika kw’igenekerezo rya cumi n’umunani Ntwarante uno mwaka. Umwungere wa Ekleziya gatorika Papa Francisco agahamagarira abarundi kutihebura bakaguma mu kwizera kw’Imana.
V. Mu bintu nyamukuru uyu musi bituma ibintu bizimba kw’isoko, harimwo itunganywa ribi ry’amasoko ya leta atangwa kuri bamwe ata higanwa ribaye. Ivyo vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME rirwanya ibiturire n’isesagura ry’amatungo ya leta, kuri uyu wa kabiri, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Akemeza ko iyo ngendo itariko iragwanywa ahubwo n’ubu ibandanya. Atanga akarorero ingene ishirahamwe PRESTIGE riherutse kuronswa isoko ry’ibitoro ata n’umwe bahiganywe. Ivyo bikaba vyiyongera kw’ishirahamwe FOMI ryahawe abantu ata higanwa na rimwe ribaye.
VI. Kuri uyu wa kabiri, hatanguye i Kigali mu gihugu c’Urwanda ihiganwa hagati y’imigwi y’igipolisi y’ibihugu umunani biri mu karere ka Afrika y’ubuseruko ari vyo Urwanda, Uburundi, Tanzaniya, Kenya, Ouganda, Soudani y’epfo, Soudani, na Ethiopie, mu nkino zitandukanye. Kuri uno mugoroba, igihugu c’Urwanda kiriko gitana mu mitwe n’Uburundi mu rukino rw’amaboko Volleyball.

Ibindi bisa n'ibi