I. Inama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa EAC yabaye kuri uno wa kane i Nairobi muri Kenya, kugira bige ikibazo c’umutekano w’akarere. Mw’itangazo basohoye inyuma y’iyo nama, abakuru b’ibihugu bumvikanye ko imigwi yose igwana iri ku butaka bwa Congo iharanira demokrasi izofatwa nk’imihari y’inkorabara imbere y’ukurwanywa n’ivyo bihugu vyose, hakoreshejwe umuheto. Ukuronderera hamwe umuti w’imigwi yitwaje ibigwanisho iri ku butaka bwa Congo ni co kibazo cariko kirigwa. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye akaba yari yitavye iyo nama yatumweko na mugenzi we Uhuru Kenyatta wa Kenya, ari nawe arongoye muri kino gihe umuryango w’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko, EAC.
II. Kuri uno wa kane inama nshingamateka yemeje integuro y’itegeko rizogenga abarundi baja gusaba ubuzi mu bihugu vy’abarabu. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca ari nawe yari yagiye kurisigurira abashingamateka, akaba yamenyesheje ko iryo tegeko ije gukingira abakozi bahawe ubuzi muri ivyo bihugu. Ubu ngo uwuzogira ikibazo azoba afise abo yitura kugira bamutunganirize.
III. Mu muhari Inamahoro w’abigeme n’abakenyezi baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, barashima ko abantu bahora bagenda mu mpisho muri ivyo bihugu bagiye kuza baragenda ku mugaragaro, ariko amakenga yoyo ntabuze. Marie-Louise Baricako arongoye uwo muhari, asaba leta kwitonda, itegeko rizosohoke vyose biri ku murongo ntibate ibintu mu rudubi.
IV. Amategeko abiri ni yo yizwe kuri uyu wa kane n’ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi, buri kumwe n’umugwi w’igihugu ujejwe akazi, mu ntumbero yo guteza imbere abakozi n’akazi. Ayo mategeko abiri, rimwe rigiye kugenga abakozi bo mu nzu, irindi na ryo rijanye n’abantu bakorera mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu. Bikaba vyamenyeshejwe na Thaddée Ndikumana, ajejwe ubushikiranganji bw’abakozi ba leta.
V. Ama bataillons 8 y’abasirikare b’Uburundi bari mu rwego rwa AMISOM barasaba kurenganurwa bagahabwa imishahara yabo, kuva ku bo ku mugwi wa 57 gushika ku mugwi wa 64. Abasirikare baramenyesha y’ukwo imiryango yabo imerewe nabi kubera ubukene. Bagasaba umukuru w’igihugu ari we kizigenza wabo hamwe n’umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, kubafasha kugira baronswe utwabo, mu gihe bagenzi babo bo mubindi bihugu baronswa agashahara kabo ku kwezi ku kwezi.
VI. Ubusuma bw’abantu biba babanje kubomora amazu busa n’ubwimonogoje ku murwa mukuru wa komine Matana, mu ntara ya Bururi, mu bumanuko bw’Uburundi. Mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu buca ari ku w’Imana wa Pasika, abo basuma barabomoye inzu zibiri biba ibintu vyose basanzeyo. Ubwo busuma bwabaye inyuma y’imisi ine gusa ishami ry’ibanki y’aba Tanzaniya CRDB na paruwasi y’aba Anglican, vy’aho i Matana bibomowe vyibwa ibintu bitari bike. Bamwe mu banyagihugu b’i Matana bavuga ko abakora ubwo busuma bakingirwa ikibaba na bamwe mu bajejwe umutekano n’imbonerakure.
VII. Amashengero arenga 20 agiye kwugarwa muri komine Kayanza mu ntara ya Kayanza. Ku bwa musitanteri wa komine Kayanza, igituma ngo n’ukwo amwe yubatswe bidakurikije amategeko, ayandi nayo ntiyubahirize isuku. Abubatse bidakurikije amategeko, basaba ikiringo c’umwaka kugira ivyo basabwa ngo babishire mu ngiro.