Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/05/2020

Publié le 21 mai 2020 par Rédaction

I. Uwurongoye urwego CENI yashikirije ko igikorwa co guteranya ibiharuro kitoroshe, kuko ari amatora agera kuri atatu. Petero Claver Kazihise asigura ko abamenyeshamakuru batarekuriwe kuvuga ibitigiri badahawe n’umurwi ujejwe ayo matora ku rwego rwa komine, uwo mukuru wa CENI, avuga ko arico gikorwa barimwo muri kino gihe.

II. Bamwe mu banywanyi na cane cane abari bahagarariye amatora ku rwego rw’umugambwe CNL mu bice bitandukanye vy’igihugu, baragiye barafatwa, ahandi baterwa ubwoba, kugira batere umukono ku vyegeranyo vyateguwe n’abarongoye ibiro vy’amatora. Ahandi naho barakumiriwe hageze guharura amajwi. Ivyo bigatuma bigabanya ukwizera ko ibiharuro bizotangazwa n’umurwi ujejejwe amatora CENI ko vyoba ari ukuri, ntibibe ari ibivuye mu busuma bw’amatora. 

III. Sentare y’igihugu mu ntara ya Rumonge yarejeje mw’ijoro  ry’uyu wa gatatu, abanywanyi icenda b’umugambwe CNL bari bajejwe guhagarikira amatora muri iyo ntara. Bahagaritswe bagirizwa kudurumbanya amatora. Kubwa Pacifique Nininahazwe yize ibijanye n’amategeko, ngo ntakindi leta yabikoreye atari kugira abo bariko bahagararira amatora ntibashobore kuyakurikirana uko biri, na rirya igikorwa c’uguharura cari gitanguye .

IV. Ishirahamwe ryitiriwe Robert Francis Kennedy riharanira agateka ka zina muntu, risaba rishimitse irekurwa rya Cathy Kezimana umunywanyi w’umugambwe CNL ari mw’ibohero. Iryo shirahamwe mu rwandiko ryasohoye, rivuga ko ritewe umutima uhagaze n’amabi ariko arakorerwa abatavuga rumwe na leta.

V. Amatora yo mu Burundi ntashobora kwizerwa n’abarundi n’amakungu. Bishikirizwa na Doudou Diène arongoye umugwi wa ONU, ujejwe amatohoza ku Burundi. Amenyesha ko amatora aba ata barorerezi kandi mu gihugu kirangwamwo ihohoterwa rya kiremwa muntu, aba yononekaye imbere y’uko aba. Doudou Diène yaganiriye na radio Deutsche Welle.

VI. Leta y’ububiligi irashimishwa n’intambwe Uburundi bwaraye buteye mu gutunganya amatora, n’aho iyo ntambwe yavuye kure cane. Mw’itangazo ryasohotse kuri uno wa kane, ubushikiranganji bw’ugufashanya bw’Ububiligi n’amakungu busaba ko abahiganywe bokwubahiriza aho abarundi bashize

VII. Imisi 213 niyo bagenzi bacu b’ikinyamakuru Iwacu bamaze bafungiwe mw’ibohero ry’I Bubanza. Christine Kamikazi, Agnès Ndirubusa, Thérence Mponznzi na Egide Harerimana bakaba barerengutse imbere y’abacamanza ba sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa kuwa 6 Rusama uyu mwaka, hakaba hasigaye imisi 15 kugira bamenye urwo iyo sentare bituye ngo ibatunganirize izoba yabaciriye. Tukibutsa ko bahagaritswe kuwa 22 z’ukwezi kw’icumi umwaka uheze, igihe bari bagiye kurondera amakuru ajanye n’ingwano zariko ziraba hagati y’abasirikare b’igihugu n’imirwi yitwaje ibirwanisho, yari yateye mu ntara ya Bubanza. Umushikirizamanza wa parquet ya Bubanza Ntamikevyo Jean Marie Vianney akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15.

Ibindi bisa n'ibi