Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/06/2022

Publié le 21 juin 2022 par Rédaction
I. Inyuma y’imyaka ibiri umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yimitswe mu mabanga yo kurongora igihugu, umugambwe CNL ubona ko muri ico kiringo ata ntambwe igaragara yigeze iterwa. Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye kuri uyu wa mbere, Agathon Rwasa arongoye CNL yemeza ko iyo myaka ibiri yaranzwe n’amajambo atagira ibikorwa. Ku kijanye n’imigenderanire n’ayandi makungu, Rwasa ntarya umunwa. Ingendo z’umukuru w’igihugu mu makungu nta kintu kiboneka ziriko zirazanira igihugu. Muri iryo tangazo nyene, umugambwe CNL ubonako intwaro ishingiye ku mategeko, ukwubahiriza kiremwa muntu, bikiri kure mu gihugu.  Kubw’uyo mugambwe, haracibonekeza ihagarikwa rikurikirwa n’ipfungwa ridakurikije amategeko, abantu bakaburwa irengero, ukudahana amabi hamwe n’ukutubahiriza uburenganzira bwo gukora mu vya politike.
II. Kuri uno wa kabiri, umugwi w’abashingamateka baturuka mu mugambwe CNL ntiwitavye ibikorwa vyari bitegekanijwe n’inama nshingamateka, vyo kwiga no kwemeza integuro y’itegeko igena amafranga leta izokoresha mu mwaka wa 2022 ushira uwa 2023. Nk’ukwo biri mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, imvo y’ukwo gusiba ntaho ihuriye n’iyo nteguro y’itegeko yariko irigwa, ariko ngo n’ikibazo kijanye n’ukutemerwa kw’umugwi w’abashingamateka b’umugambwe CNL mu nama nshingamateka y’Uburundi, uburenganzira uwo mugambwe uvuga y’ukwo uhabwa n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hamwe n’amategeko agenga inama nshingamateka. Uwo mugwi w’abashingamateka baturuka mu mugambwe umenyesha ko wituye ku ncuro nyinshi uworongoye inama nshingamateka umusaba kwemererwa ariko ata nyishu yigeze abaronsa. Iyo nteguro y’itegeko igena amafranga leta izokoresha mu mwaka wa 2022 ushira uwa 2023, ikaba yahavuye yemezwa n’abashingamateka bose bari bitavye ico gikorwa.
III. Igisirikare gikukira umuryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ni co kigiye kujaho vuba bwango kugira kigwanye imigwi y’aba rebeli iri mu gihugu ca republika iharanira demokarasi ya Congo ifatwa nk’imigwi y’iterabwoba. Ivyo biri mu vyavuye mu mubonano kuri uno wa mbere w’abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango, umubonano wabereye i Nairobi muri Kenya wari witabwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye. Atahutse, yabwiye abamenyeshamakuru ko bateye intambwe mu nzira yo kugwaniriza hamwe iyo migwi irwanira mu karere ka Kivu y’ubumanuko.
IV. Ikindi abakuru b’ibihugu bahurijeko, ni kugwanya bakongera bagahana abitwaza amajambo abiba inzankano n’ihonyabwoko, yasubiriye kwimonogoza mu karere k’ivyo bihugu bigize umuryango w’ubuseruko bwa Afrika. Evariste Ndayishimiye, umukuru w’igihugu c’Uburundi, avuga ko biri mu bituma akarere kabandanya guhungabana mu vyerekeye umutekano.
V. Izo nteko z’ibihugu vy’umuryango wa Afrika y’ubuseruko uwo muryango utegekanya kurungika mu buseruko bwa Congo zishobora kudashika ku nyishu uwo muryango uzitezeko. Bivugwa na Reagan Miviri, umushakashatsi mu mugwi uraba ivy’umutekano mu karere ka Kivu “KST “. Arerekana ko kubona hari inteko ziva muri ivyo bihugu vya EAC zari zisanzwe ziri muri Congo ku buryo ubu canke ubundi, hamwe n’ukwo Urwanda rwakumiriwe muri izo nteko, bishobora kuba intambanyi mu kugarukana amahoro mu buseruko bwa Congo.
VI. Hari umusore w’imyaka mirongo ibiri n’itanu azwi kw’izina rya Nijimbere Vianney apfungiwe mu gasho k’igipolisi mw’ikambi y’i Nyarugusu kuva ku wa kane w’indwi iheze. Yagirizwa gutanga amakuru ku ma radiyo no mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu. Abo mu muryango wiwe bakaba bafise ubwoba ko ashobora gusinzikarizwa ubuzima.
VII. Abarundi baherutse guhunguka barasaba gushigikirwa mu gusubizwa mu buzima busanzwe. Akamo gatewe ishirahamwe HCR, mu gihe haraye hahimbajwe umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi. Abo baherutse guhunguka bavuye mu makambi y’impunzi yo mu karere, basaba HCR kubandanya ibakurikirana kugira ejo ntihagire abatangura kuhasiga ubuzima biturutse ku nzara, ngo na rirya agafashanyo baronswa bahungutse ari gato cane.
VIII. Ibarabara ry’igihugu rigira gatatu Bujumbura-Rumonge-Nyanza lac-Makamba ntirihita kuva ku muhingamo w’uyu wa mbere. Amabuye menshi yakorotse ava hejuru ku musozi, arazibira iryo barabara muri zone Gitaza iri muri komine Muhuta, mu ntara ya Rumonge. Abiyunguruza bavuga ko bariko bahura n’ibibazo bikomeye, bagasaba ko ryokorwa n’ingoga. Mu ntwaro mu ntara ya Rumonge, bamenyesha ko abahinga buca baja ku kivi kugira ico kibazo kironke umuti.
IX. Abigisha bo mu ntara y’indero ya Rumonge baridoga ko mu gutora abaja gukosora ikibazo ca leta co mu mwaka w’icenda habayemwo nkunzi na mpingayanje. Ivyo babivuga bisunze urutonde rw’abakosora rwatanzwe, aho ku bakosora 171 abarenga 90 bava mu buyobozi bw’indero bwa komine Rumonge. Bamwe mu bakosora bava muri komine Rumonge bakaba hari aho banditswe ko bava mu yandi ma komine agize iyo ntara.
X. Abagabo babiri bitavye Imana kuri uwu wa kabiri, uwundi na we asigara ari ikiruruma. Hakaba hari mw’isanganya ryabereye kw’ibarabara riva mu gisagara ca Ngozi ryinjira mu gisagara ca Kayanza, neza neza ku musozi Kirema wo mu gisagara ca Kayanza nyene. Abanyagihugu bo mu micungararo bagasaba ko aho hantu iryo sanganya ryabereye hashirwa vya bidunduri bigabanya umuvuduko (dos-d’âne mu gifaransa), ngo kuko hama habereye amasanganya kubera umuvuduko w’abatwaye ivyuma vy’imoteri.
XI. Amakenga ni menshi mu borozi bo mu ntara ya Kayanza. Bavuga ko ibitungwa vyabo bigiye kuba ingumba, biturutse ku ngingo yo kubigumiza mu mazu kubera gutinya irwirirana ry’indwara bitiriye Rift Valley. Abo borozi bavuga ko ibitungwa vyabo birinda bigateba bigaca umurindo kubera kubura impfizi. Basaba ubushikiranganji bubijejwe kwihutira kurondera urucanco, ahandi ho abanyagihugu bazohahombera na Leta irimwo.

Ibindi bisa n'ibi