I. Umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwose, nico gihano sentare nkuru y’igihugu ya Makamba yaciriye Simplice Niyomukiza, umupolisi yariko yimenyerereza akazi muri commissariat y’igipolisi i Nyanza-lac. Sentare yamwagirije kugandagura nkana bagenzi biwe 2, barashwe ku musi w’Imana uheze. Ivyo vyose uwo munyeshure w’umupolisi yarabihakanye akavuga ko yabarashe atabishaka, ko amasase yamutorotse, mbere ko bari abagenzi. Uwagirizwa icaha akaba yaburanye atagira uwumufasha, ivyo abize ivy’amategeko, bavuga ko hahonyanzwe amategeko kuko sentare idashobora kuburanisha umuntu yagirizwa icaha kiremereye nk’ico ata mushingwamanza afise. Mwomenya ko naho yaciriwe ico gihano, abamutwara bari batanze icegeranyo kivuga ko abo bapfuye yabarashe bivuye ku gusamara ariko sentare itabikoreyeko.
II. Igihano co gufungwa hagati y’umwaka n’imyaka 2 nico gihano caraye gisabiwe abagabo batatu bava ku mitumba itandukanye ya komine Giteranyi mu ntara ya Muyinga, n’umushikirizamanza. Bagiriwe n’icaha co guhungabanya ubutunzi bw’igihugu. Ni mu ntahe y’ikibiriraho ya sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Muyinga, yo kuri uyu wa kabiri uheze. Ikawa yumye be n’ibiharage na vyo bafatanywe bikagurishwa amahera akaja mu kigega c’igihugu, nk’uko amakuru ava muri iyo sentare abimenyesha.
III. Imyidogo ni yose mu muryango w’uwahora atwara ipikipiki yunguruza abantu, yarashwe n’igipolisi aca aracikana ageze kwa muganga. Ivyo vyabereye muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba hari mu kwezi kw’icumi mu mwaka uheze wa 2022. Abaryango basaba ko abakoze ico caha bahanwa, ipikipiki nayo uyo muhisi yarariko ipfungiwe mu gipolisi ngaho i Makamba igasubizwa umuryango.
IV. Ingingo yo kubuza kubikura amafranga menshi irabandanya mu mabanki mato mato, akorera kure y’umugwa mukuru w’intara ya Kayanza. Ni mu gihe iyo ngingo yari yafashwe n’ibanki nkuru y’igihugu, mu ntumbero yo gukura kw’isoko inoti z’ibihumbi bitanu n’iz’ibihumbi cumi zakozwe mu mwaka wa 2018. Ikiringo c’imisi 10 cari caratanzwe kikaba caheze ku wa gatandatu uheze.
V. Kwoba ari nk’ukunyaga abanyagihugu batashoboye kubitsa mu mabanki amafranga yabo yose babiriye akuya, hisunzwe ingingo iherutse gufatwa n’ibanki nkuru y’igihugu yo gukura inoti za kera za bitanu na cumi zibitswe mu mazu y’abantu. Uko niko bisigurwa n’umushingwamanza Yves Runyagu, yanonosoye amategeko agenga urudandazwa. Avuga ko leta ishobora kwitwarirwa n’abahahombeye inoti zabo mu gihe atari izo basahuye igihugu. Nta caha na kimwe bakoze mu gushingura izo noti mu mazu yabo.
VI. Abarundi baba hanze bafise uruhara runini mw’iterambere ry’igihugu. Ivyo bishikirizwa na Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya leta, OLUCOME. Ivyo akaba yabishikirije mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uno munsi wa gatatu, igenekerezo rya 21 Ruheshi umwaka wa 2023. Gabriel Rufyiri amenyesha ko mu biganiro yagiranye n’abarundi bari mu bihugu bitandukanye, basaba leta guha agaciro ivyiyumviro bishikirijwe n’abarundi bari mu mihingo yose, n’aho baba badasangiye ivyiyumviro vya politike, kuko ari ivyubaka igihugu.
VII. Ubukene bw’amashure n’abarimu, ibikoresho nfashanyigisho bidakwiye, n’abanyeshure biga bicaye hasi no ku mabuye, ni bimwe mu bihanze igisata c’indero mu Burundi. Bishikirizwa na Eulalie Nibizi, akurikiranira hafi ivy’igisata c’indero. Ni muri bimwe mu biranga intwaro ya Evariste Ndayishimiye muri iyi myaka itatu amaze ari we aramutswa igihugu. Eulalie Nibizi akebura umukuru w’igihugu gushira imbere imigambi yogirira akamaro abana.
VIII. Ku wa 21 Ruheshi, amakungu arahimbaza umunsi wahariwe umuziki. Mu Burundi, abacuraranzi n’abaririmvyi babona ko badahabwa ikibanza gikwiranye n’ibikorwa bakora. Omer Nzoyisaba akorera mu gisata c’umuziki ndangakaranga, asaba Uburundi kwisunga ibindi bihugu vyateye imbere muri ico gisata, bugashiraho amategeko akingira abaririmvyi mu ntumbero yo kubateza imbere.