I. Kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro uko umwaka utashe, haribukwa ubwicanyi bwahitanye abatutsi mw’ikambi y’abateshejwe izabo muri Komine Bugendana, intara ya Gitega, haraheze imyaka 24. Mw’ijoro rimwe gusa, abantu 648 bo mu bwoko bw’abatutsi hagwiriyemwo abagore n’abana, barishwe batemaguwe n’abari abaroberi b’umuhari CNDD-FDD ukiri mw’ishamba, nk’uko bemanze ico gitero ico gihe.
II. Abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwakorewe abatutsi bo muri site y’abateshejwe izabo y’i Bugendana bavuga ko n’ubu ata muco bararonka ku bakoze ayo mabi. Bagasaba Reta ko yofata mu minwe ico kibazo, nk’uko yitaho ubwicanyi bwo mu 1972 n’ubwo muri kaminuza y’Uburundi mu mwaka wa 1995. Umwe mubacitse kw’icumu.
III. Umugwi w’ukumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR, uriko ukorera umugambwe uri ku butegetsi, n’ivyo bica bituma haba intambamyi mu kunywana kw’abarundi. Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC, abivuze inyuma y’aho uwurongoye uwo murwi amenyeshereje ko wahejeje gukorera mu ntara ya Gitega, ataco uvuze kw’igandagurwa ry’abateshejwe izabo b’i Bugendana, ryakozwe n’abarwanyi ba CNDD-FDD mu mwaka wa 1996. Kubwa Vital Nshimirimana, leta nshasha ngo yari ikwiye gusubiramwo uyo murwi, kugira uze ushikane abarundi ku kunywana nyako.
IV. Ishirahamwe rirwanya ihonyabwoko AC Génocide Canada, risaba amakungu ko abacitse kw’icumu botunganirizwa bagasubizwa agateka kabo. Ivyo bishikirizwa na Emmanuel Nkurunziza arongoye iryo shirahamwe muri Canada. Kubwiwe, ngo gushaka gusubiza mu zabo abahunze no kwubaka ikibuga c’indege i Bugendana, n’intango yo kuzimanganya amabi yahakorewe.
V. Nta cizere na gito c’uko umurwi ujejwe kumenyesha ukuri no kunywanisha abarundi CVR uzokora ku bwicanyi bwabaye i Bugendana, co kimwe n’ubundi bwakorewe ubwoko bw’abatutsi. Bivugwa na Charles Nditije afatiye ku kungene uwo murwi utubahiriza ingingo zari zapfunditswe mu masezerano ya Arusha, ajanye n’ingene hobaye ugusubiza hamwe kw’abarundi. Charles Nditije akaba arongoye umugambwe UPRONA utemewe n’ubutegetsi.
VI. Ni bumwe mu bwicanyi bwabaye mu Burundi butavuzwe cane, haraheze imyaka 25. Ubwo na bwo bwabereye mu bigo vya kaminuza y’i Kiriri. Ubwo bwicanyi bwabaye mw’ijoro ryo kuwa 20 rishira uwa 21 Mukakaro umwaka 1995, bugizwe n’umuhari CNDD wari ukivuka. Muri bamwe mubari bagize uwo muhari, harimwo abanyeshure b’abahutu bacitse kw’icumu mu bwicanyi bwabereye muri kaminuza yo ku mutanga ku wa 11 Ruheshi uwo mwaka nyene. Ubwo bwicanyi bwabereye i Kiriri naho busa n’ubwibagiwe, bukaba bwarahitanye ubuzima bw’abantu bagera kuri 7.
VII. Ngo ni ibisanzwe kwumva umurwi ujejwe kumenyekanisha ukuri no kunywanisha abarundi CVR uvuga ko ibisigarira vy’abishwe mu ndyane abarundi bagiye baracamwo ari ivy’abahutu bishwe muri 72, kuko uwo mugwi ata buhinga, abahinga n’ibikoresho ufise kugira ngo bamenye abari bo. Bishikirizwa na Jeanine Nahigombeye, umuhinga mu vyo gutatura amatati, akavuga ko hazoba inkurikizi zitari nke kuko ababuze bari mu bwoko bwose, hakazoguma ivyo kwibuka babangabanganywe bidafise intumbero imwe.