I. Ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, bwatanguje kuri uyu wa kane ku rwego rw’igihugu, isekeza ry’ugucandaga inka mu ntumbero y’ukuzikingira ya ndwara y’inyonko yo mu kiyaya ca Rift, imaze imisi yarateye ibitungwa. Ico gikorwa kikaba catangujwe icese ku ruhongore rw’umunyagihugu yitwa Celeus Ndabarushimana, mu ntara ya Ngozi, ku musozi wa Kinyami uri mu gisagara ca Ngozi.
II. Imyaka 26 irarumanye uyu musi habaye ubwicanyi bwakorewe abarundi bo mu bwoko bw’abatutsi 648 biciwe muri site y’abateshejwe izabo y’i Bugendana. Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC Genocide Cirimoso, ishami ryo muri Canada, bavuga ko bibabaje kubona ata butungane burakora kuri ubwo bwicanyi bwakozwe n’umuhari urwana FDD. Dr. Emmanuel Nkurunziza umunyamabanga nshingwabikorwa w’iryo shirahamwe, avuga ko iyi myaka iheze hakiri imvugo z’amacakubiri zicanishamwo abantu mu Burundi co kimwe no mu karere Uburundi burimwo.
III. Uyo munyamabanga yibutsa ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko hoshingwa sentare mpuzamakungu yari yasavye yo guhana abakoze ubwo bwicanyi bw’I Bugendana ariko n’ubu itarashigwaho. Dr. Emmanuel Nkurunziza.
IV. Ishirahamwe SwissMed International Ltd, risanzwe ari na ryo rifise umutahe munini mu bitaro Kira, risaba ukurekurwa ata gisabwe kwa muganga Christophe Sahabo yahoze ari umuyobozi mukuru w’ivyo bitaro. Ivyo biri mu rwandiko rwo mw’ibanga bita note confidentielle rwarungikiwe leta y’Uburundi. Muri urwo rwandiko, bavuga ko ipfungwa rya muganga Christophe Sahabo, riteza urubwa ubutungane bw’Uburundi na leta y’Uburundi muri rusangi. Bavuga kandi ko iryo pfungwa rifatiye kw’irementanya, ribuza abanyamitahe mvamakungu kuzana imitahe yabo mu Burundi.
V. Hari umugabo arengeje indwi apfungiwe mu gasho k’inyamiramabi mu ntara ya Rumonge. Yagirizwa kuba yaratanze amakuru ajanye n’inka iriko irabagwa ku mutumba Gashasha wo muri komine n’intara ya Rumonge. Mu muryango wiwe basaba ko yorekurwa kuko ariko azira abashaka gukingira ikibaba uwatanze uruhusha rwo kubaga iyo nka.
VI. Hari imyidogo mu banyagihugu bo mu ma komine ya Mutumba na Nyabikere mu ntara ya Karusi. Iyo myidogo ikaba ifatiye kw’iyibwa ry’isima, yari igenewe kwubaka igitarurwa gihuza ayo ma komine abiri cacitse haraciye imyaka ibiri. Abanyagihugu bakabona ko hari ugukingira ikibaba nyene kwiba iyo sima, kuko yafatanywe itonga kandi yarasanzwe ari nawe ararira ububiko bwarimwo iyo sima. Basaba ko yokurikiranwa agahanwa.