I. Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu asabwa gushigikira abakorewe ubwicanyi i Bugendana mu mwaka wa 1996, mu kurondera ubutungane mpuzamakungu bushobora guhana abakoze ayo mabi. Akamo gaterwa n’amashirahamwe AC Genocide Cirimoso igisata ca Canada na Suède. Biri mw’itangazo bashize ahabona kuri uno wa gatanu, umusi hibukwa imyaka 27 iheze habaye ubwicanyi bwahitanye abatutsi i Bugendana mw’ijoro ryo kuwa 20 rishira uwa 21 Mukakaro umwaka wa 1996. Dr Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga wa AC Genocide Cirimoso, arahumuriza abiciwe y’ukwo bitebe bitebuke bazoronka ubutungane.
II. Abacamanza bashashe mu rubanza ruhuza umunyeshure Christelle Ndayishimiye aburana n’uwari umuyobozi wiwe kw’ishure ryisumbuye rya Mugendo muri komine Ntega, Oscar Nemeyimana, amwagiriza ko yarondeye kumushurashuza rwabayemwo ugusamara kw’abo bacamanza. Ivyo vyamenyeshejwe kuri uno wa kane n’umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona, mu gihe yari yishikiye mu ntara ya Kirundo kuraba ingene ivy’urwo rubanza vyifashe. Ni mu gihe abo bacamanza bari basabiye igihano co gupfungwa umwaka uwo mwigeme Christelle Ndayishimiye, yagirizwa kumena amabanga y’akazi. Umushikiranganji Domine Banyankimbona asaba abacamanza kwirinda gusamara bari mu kazi kugira amakosa nk’ayo ntazosubire.
III. Ivyo umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona yashikirije ni ukwigovyora, kuko ntivyumvikana ingene umunyeshure yagirizwa kuba yashize ahabona amabanga y’akazi kandi atari umukozi. Ivyo bivugwa na Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi riharanira agateka ka zina muntu.
IV. Mu ntara ya Muyinga, abacukura inzahabu bagifise ingeso yo kuzicisha mu kinywabi bazishora hanze y’igihugu, bazofatwa nk’abansi b’igihugu, kandi uwuzorasirwayo n’inzego z’umutekano ntihagire ico bazobaza. Ivyo bishikirizwa na buramatari w’intara ya Muyinga Jean-Claude Barutwanayo. Akaba yabishikirije kuri uyu wa kane muri komine Butihinda, mu nama yo gusigurira abacukura inzahabu, intumbero nshasha ya leta mu bijanye n’ico gisata c’ubutare. Abacukura inzahabu mu ntara ya Muyinga basabwa kuvavanura n’ibikorwa vyo gucukura inzahabu mu kajagari, ahubwo bagahurikira mu mashirahamwe akomeye akoresha ubuhinga buteye imbere, kugira ngo bashikirize leta umwimbu utubutse.
V. Impunzi z’abarundi bo mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya zigendana indwara zitandukanye, zivuga ko zitaronswa imiti iyo zigiye kwivuza mu bitaro bifashwe mu mugongo n’ishirahamwe « Red Cross », rikorera aho muri iyo kambi. Abo barundi bavuga ko kuva kw’igenekerezo rya 17 kuno kwezi, abagwayi bataronswa imiti kuko babwirwa ko atayihari, kandi ko bakwiye kuja kuyitora iwabo i Burundi.
VI. Abakinyi n’abakunzi b’umupira w’amaboko Handball bariyamiriza ico bita ko ari amanyanga ariko arakorwa mu gukora urutonde rw’abakinyi batarenza imyaka 19, bazoja guserukira Uburundi mu gikombe c’isi kizobera mu gihugu ca Croatie, kw’igenekerezo rya kabiri z’ukwezi kuza kw’umunani. Umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu yahamagaye abakinyi 13 kandi hari hitezwe guhamagarwa 18. Benshi bakibaza ko ivyo bibanza bitanu vyari bigenewe abakinyi, bizohava bishirwamwo abandi bantu atari abakinyi.