I. Kwongera ikiringo umugwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi. Nivyo amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yo mu Burundi, mu karere na mpuzamkungu asaba mw’ikete yandikiye abaserukira ibihugu mu mugwi ujejwe agateka ka zina muntu mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Kubw’ayo mashirahamwe, naho hariho ibintu bimwe bimwe bitanga icizere ko ibintu bishobora guhinduka mu Burundi, ngo hari n’ibindi biteye umutima uhagaze, kandi bikwiye gukurikiranwa hafi.
II. Ibikorwa vy’ubwicanyi bikorwa n’imigwi y’Imbonerakure birabandanya kwibonekeza. Hari amajwi amaze iminsi akwiragizwa mu ma telephone ngendanwa y’Imbonerakure zo muri zone Maramvya, muri komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura. Mw’ishirahamwe FOCODE bemeza ko umugwi w’imbonerakure atari umugwi usanzwe mu gihe ukora ubwicanyi ukigamba, abari muri iyo migwi ataco binona.
III. Leta y’i Bujumbura naho ihamagarira abarundi gutahuka biraboneka y’uko abahunguka bakoregwa amabi menshi harimwo no kwicwa. Ivyo bivugwa n’ishirahamwe rukristu rirwanya gusinzikaza kiremwa muntu ACAT Burundi. Jean Claude Ntiburumusi arongoye igisata kijejwe ivy’amategeko muri iryo shirahamwe, atanga akarorero k’umunywayi w’umugambwe MSD yari yarahungutse muri uyu mwaka, hanyuma atangura guturatura kubera guterwa ubwoba n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD-FDD.
IV. Ishengero ry’abagenzi (Eglise évangélique des amis) risaba ko umwigisha wo kw’ishure rya Musama muri komine Nyabihanga atigenjeje neza yokurwa kuri iryo shure. Ivyo biri mw’ikete abarongoye iryo shengero bandikiye umuyobozi w’indero mu ntara ya Mwaro. Umwigisha yagirizwa gushurashuza abanyeshure we avuga ko ivyo yagirizwa ari ibinyoma, akavuga mbere ko bikwiragizwa n’abo batavuga rumwe muri politike.
V. Ubuserukizi bw’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Muyinga, bwazindutse ejo ku musi wa kane busigurira abariko barahiganwa ngo baze barongore imitumba canke ama karitiye, ivyahindutse muri ayo matora. Cyprien Sinzotuma arongoye umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Muyinga akaba yabasigurira ko mu misi basigaranye yo kwiyamamaza, bosigurira abazobatora ko bazokwandika amazina atatu kw’ikarata y’itora aho kwandika umuntu umwe, nkuko bari bavyigishije bagitangura kwiyamamaza. Ibi rero bikaba vyatangaje abatari bake kuko ico cari igikogwa c’umugwi wigenga ujejwe amatora mu ntara (CEPI) canke imigwi yigenga ijejwe amatora mu ma komine (CECI), kuko ayo matora adafatiye ku mugambwe. Uyo arongoye CNDD-FDD i Muyinga ntitwamuronse ngo agire ico abivugako.
VI. Imyidogo ni myishi mu mugambwe CNL muri komine Nyabihanga, intara ya Mwaro. Bavugako abanywanyi b’uyo mugambwe bakuwe ku ntonde z’abarorerezi bazocungera amatora y’abakuru b’imitumba yimirije, basubirizwa n’abo mu mugambwe CNDD-FDD. Bigakorwa n’abarongoye umugwi CECI ujejwe amatora muri iyo komine.
VII. Ubuhinga mu vyo kwunguruza abantu buguma bwiyongera. Mw’ishirahamwe ry’abunguruza abantu « Wasiri » bamenyesha ko bashobora gukurikirana abashoferi babo ku buryo ata bintu bishobora kuzimira. Roméo BADOGOMBA umwe mu bahinga barikoramwo, akaba yabishikirije mu gihe ino taliki ya 21 mu kwezi kwa Myandagaro yahariwe ukwiyunguruza.