Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/08/2021

Publié le 21 août 2021 par Rédaction
I. Hari umuriro wadutse mw’ibohero rikuru rya Gitega mu gitondo co kuri uno wa gatandatu. Amakuru ava aho muri iryo bohero avuga ko uwo muriro woba waturutse ku ntsinga z’amatara, nkuko vyemejwe n’igipolisi. Uwo muriro nta kinini wononye uretse ibikoresho bito bito nk’uko vyashikirijwe ku rubuga rwa twitter rw’ubuvugizi bw’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Igipolisi nico cahaserutse kugira kizimye, nkuko bivugwa n’abari aho kuri iryo bohero.
II. Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaraye yifatiye mu gahanga umumenyeshamukuru w’umurundi akorera iradiyo y’abafaransa RFI. Mu giteramo catunganijwe na leta y’Uburundi kuri uyu wa gatanu, citiriwe ico gusezera abarundi baba mu mahanga begereye umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye avuga ko uyo mumenyeshamakuru ateranya abarundi mu kuvuga ko ikiza ca Covid-19 cabaye ndanse mu Burundi. Umukuru w’igihugu akagabisha yongera ahakana avuga ko mu Burundi ata kiza kihari.
III. Amajambo ashikirizwa na Evariste Ndayishimiye yo kwifatira mu gahanga umumenyeshamakuru w’umurundi akorera iradiyo mpuzamakungu y’abafaransa RFI ngo n’uguta umwanya. Bishikirizwa na Innocent Muhozi, arongoye ikigo kijejwe guhanura ibimenyeshamakuru mu Burundi. Akavuga ko yaba umukuru w’igihugu canke abandi bategetsi, bakwiye nyabuna gufata ingingo zo kurwanya ikiza ca Covid-19 bakareka guta umwanya mu bidakenewe.
IV. Abajejwe amagara y’abantu mw’ikambi y’impunzi y’i Nduta mu gihugu ca Tanzaniya, bavuye mu gacerere, bamenyesha impunzi ko abarwayi bane barwaye Covid-19. Amakuru ava aho i Nduta, avuga ko ibitigiri vy’abarwayi biguma vyiyongera, inyuma y’aho umwe yitavye Imana, mu barimwo ivyuma bibafasha guhema ku bitaro biri muri iyo kambi. Izo mpunzi zigasaba ababijejwe, gutunganya ibikorwa vyo kwipimisha no guhimiriza kwikingira Covid-19.
V. Ingingo yo kwimurira abarundi bahungiye mw’ikambi ya Mtendeli iri muri district Gakonko bajanwa mw’ikambi ya Nduta yarahagaritswe. Biri mw’itangazo abarongoye ikambi bashikirije impunzi z’abarundi kuri uyu wa gatanu. Impunzi z’abarundi zirashimishwa n’iyo ngingo, bakavuga ko bafise amakenga kuko batabwiwe ko iyo ngingo yoba ari ntabanduka.
VI. Leta ni yo ikwiye kubazwa ingorane zose zishikirizwa n’amashirahamwe yayo ngo kuko ari yo ishinga inzego ziyarongora, umukozi w’ishirahamwe siwe akwiye kubazwa ingorane ziba zashitse.  Ni mu gihe Leta ifise ubugenduzi bukuru bubijejwe. Ivyo bishikirizwa na Faustin Ndikumana umuhinga mu vy’ubutunzi. Ku bwiwe ngo leta ikwiye gushiraho ingingo zo kunagura iryo shirahamwe rya ONATEL kugira rive mu ngorane. Abakozi bakaronswa agashahara kabo ngo kuko nta mukozi yotonda adahembwa. Ni mu gihe umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni aheruka kumenyesha ko abakozi b’iryo shirahamwe batari bakwiye gusaba imishahara yabo y’ibirarane, ko bahawe ibikwiye kugira bihembe kandi ko batohirahira ngo bagire yegereyegere.
VII. Ku bijanye n’abakozi b’ishirahamwe ONATEL harimwo ihonyangwa ry’amategeko, na cane cane ayagenga abakozi n’akazi mu Burundi. Bishikirizwa na Me Janvier Bigirimana yanonosoye ibijanye n’amategeko. Ku bwiwe ngo leta yaragize uruhara kugira iryo shirahamwe rigire ibibazo. Kandi ngo iryo ishirahamwe rigize ibibazo abantu barihwa ubwa mbere n’abakozi, amategeko agakingira imishahara yabo.
VIII. Mu kiganiro Kw’īsôko c’uno musi, tuvuga ibijanye n’ingene abagize intahe yo ku mugina batorwa. Bikaba biri mw’itegeko rishasha riherutse guterwako umukono n’umukuru w’igihugu.

Ibindi bisa n'ibi