I. Abantu babiri ni bo bamenyekanye ko basize ubuzima mu bitero vy’ama grenades, abandi barenga 100 barakomereka. Ivyo bitero vyabaye ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere mu gisagara ca Bujumbura, ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hamwe na zone ya Bwiza. Ubushikiranganji bw’umutekano buriyamiriza ubwo bubisha, buvuga ko ari ibikorwa vy’iterabwoba.
II. Kubw’umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni, abakoze ibitero bitebe bitebuke bazofatwa. Ahamagarira abajejwe umutekano gusubira kumera magabo, bagacungera umutekano w’abanyagihugu. Ivyo akaba yabivuze igihe yashika kuraba abaraye bakomerekeye mu bitero vy’ayo ma grenades, bariko bavurirwa mu bitaro Prince Régent Charles.
III. Mw’ishirahamwe rukristu ryishinze kugwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi, baratera ivyatsi abagizi ba nabi bateye ibisasu ntezwantoke mu bisagara vya Bujumbura na Gitega, abantu bagapfa, abandi bagakomereka. Iryo shirahamwe rimenyesha ko ata mvo n’imwe yosigura iterwa ry’ivyo bisasu mu banyagihugu. Me Armel Niyongere arongoye ishirahamwe ACAT.
IV. Umupfasoni Arielle Kayabaga yaraye atowe mu nama nshingamateka y’igihugu ca Canada. Amatora yabaye kuri uyu wa mbere muri ico gihugu ca Canada, akaba ara ay’abashingamateka ku rwego rw’igihugu. Arielle Kayabaga yatowe mu gisagara ca London-Ouest mu ntara ya Ottawa, akaba asanzwe ari mu mugambwe witwa Parti Libéral urongoye igihugu ca Canada. Arielle Kayabaga akaba ari we murundikazi wa mbere atowe kuja mu nama nshingamateka mu gihugu ca Canada.
V. Nta gakuru ka Jean Marie Vianney Badogomba, abiwe bikaba bibahagaritse umutima. Uwo mugabo yarasanzwe aba muri zone Kanyosha iri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, yaranyurujwe n’abantu batamenyekanye ku w’Imana uheze. Hari hafi yo hagati mu gisagara ca Bujumbura nyene, nk’ukwo bamwe mu babibonye bavyemeza. Kuva ico gihe, umuryango wiwe nturasubira kumubona.
VI. Abantu 9 ni bo bamaze kumenyekana ko bahagaritswe mu kiringo c’indwi imwe n’abakozi b’iperereza, barikumwe n’imbonerakure muri komine ya Mugamba, y’intara ya Bururi. Amakuru ava ngaho mu Mugamba yemeza ko bamwe muri abo bafashwe bapfungiwe ahantu hataramenyekana. Imiryango yabo isaba ko borekurwa.
VII. Lieutenant-Colonel Ildephonse Baranyikwa siwe akirongoye ibataillon igira ndwi ya MINUSCA yitezwe kuja kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique. Yaraye asubirijwe na Colonel Papien Nzeyimana. Iryo subirizwa ribaye inyuma y’amezi arenga ane abasirikare barindiriye mw’ikambi yo ku Mudubugu mu ntara ya Bubanza. Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yagirije iyo ntwazangabo ko yakoze amabi yo guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi.
VIII. Umugwi nserukiragihugu w’abigeme wo mu Burundi ukina volleyball warekuwe mu ma saha indwi n’igice (13h30min) kuri uyu wa kabiri, inyuma yaho 11 mu bakinyi baburijwe gusohoka ikibuga c’indege ca Bujumbura kubera babuze amafranga yo kwipimisha Covid-19. Bari batahutse bavuye mu nkino za Afrika z’abigeme zabereye mu gihugu c’Urwanda. Batanu muri bo ni bo bari bashoboye kwirihira, bo bakaba baciye bataha bakigera ku kibuga c’indege, abandi nabo barindira ko federation ya volleyball ibarihira. Bamwe mu bakinyi bakaba bemeza nk’uko biri ku rupapuro rw’inzira, ko ayo mafranga yategerzwa kurihwa na federation. Bahavuye barekurwa inyuma y’amasaha hafi 22 bari ku kibuga c’indege ca Bujumbura kubera umugiraneza yabarihiye amafaranga y’amarundi ashika ibihumbi 720,000.
IX. Mu makuru yacu yo kuri uyu wa mbere, twababwiye ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye mu rugendo arimwo muri leta zunze ubumwe za Amerika atari kumwe n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu Albert Shingiro. Radiyo Inzamba amakuru ikura mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu yamenye ko umushikiranganji Albert Shingiro yagiye nawe nyene muri leta zunze ubumwe, ku ruhusha rw’akazi rw’ubushikiranganji rutandukanye n’urutonde rw’uruhusha rwavuye mu biro vy’umukuru w’igihugu bita « ordre de mission » mu rurimi rw’igifaransa. Tubibutse ko umukuru w’igihugu yitavye inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bitegekanijwe ko itangura kuri uyu wa 21 Nyakanga i New-York.