Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/10/2020

Publié le 21 octobre 2020 par Rédaction

I. Petero Buyoya arahakana urubanza rwamuciriwe na sentare ntahinyuzwa kw’igandagurwa rya Melchior Ndadaye, yahoze arongoye Uburundi. Mw’itangazo yasohoye kuri uno wa gatatu, avuga ko urwo rubanza ari urwa politike, kandi ko ruhonyanga amasezerano ya Arusha, be n’uburenganzira bwa kiremwa muntu, ku bijanye no kuronswa ubutungane. Uwo yahoze arongoye igihugu yemeza ko agiye kwungururiza urubanza mu ma sentare yo mu gihugu canke mpuzamakungu. Tukibutsa ko Petero Buyoya be n’abagera kuri 15 bari kumwe muri iyo dossier ya Ndadaye, baciriwe umunyororo wo guherayo, abandi 3 bacirwa imyaka 20 y’agasho n’umwe yejejwe. Urubanza rukaba rwaciwe abagirizwa nka bose batari mu gihugu, bakaba bakatiwe kuriha indishi y’akababaro ingana n’imilliaridi zirenga ijana z’amarundi.

II. Kuri uyu wa 21 gitugutu, twibuka imyaka 27 iheze umukuru w’igihugu Ndadaye agandaguwe. Ibirori vyo kwibuka uwo musi vyatangujwe n’imisa yasomwe na musenyeri mukuru wa diyoseze nkuru ya Bujumbura, Gervais Banshimiyubusa, kuri paruwasi Saint Michel. Muri iyo nkuka y’imisa, Musenyeri mukuru Gervais Banshimiyubusa yasavye abatwara igihugu uyu musi, ko bakubitiza agatima mpembero bakisuzuma bakaraba aho bageze muri demokarasi, bafatiye ku ntumbero ya prezida Ndadaye.

III. Kuri uwo musi nyene w’itariki rya 21 gitugutu 1993 ; abanyeshure barenga 150 bo mu bwoko bw’ abatutsi bo kw’ishure ryisumbuye ryo mu Kibimba barishwe bunyamamanswa  baturiwe ; ariko ibikorwa vyo kuja kwunamira abo banyeshure  nkuko vyahora bikorwa; bikaba vyabujijwe n’itegeko rya buramatari w’intara ya Gitega. Ishirahamwe rigwanya ihonyabwoko AC Génocide, igisata ca CANADA,  ririyamiriza iyo ngingo yo kubuza kwunamira  abo banyeshure ;  rikabonako ivyo ari uguhohotera ababuze ababo ico gihe ; mu kubabuza  kubibuka.  Emmanuel Nkurunziza, umunyamabanga w’ishirahamwe AC GENOCIDE CIRIMOSO; igisata ca CANADA.

IV. Kuri uno wa 21 gitugutu uwu mwaka, niho habimbazwa imyaka 34 iheze hagiye mu ngiro amasezerano ya Afrika araba ibijanye n’agateka ka zina muntu n’ak’abanyagihugu. Abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, bakabonako abarundi kugeza uno munsi, batarashobora gushikira uburenganzira butangwa n’ayo masezerano kuko batwawe nabi.

V. Umukenyezi w’imyaka 60 azwi kw’izina rya Laetitia INABIGO wo ku mutumba Gisebeyi, Komine Gashoho y’intara ya Muyinga, yaraye yishwe  atemagujwe umupanga ku muhana iwe, mw’ijoro ryakeye n’abantu bataramenyekana, nkuko amakuru atandukanye ava aho ku mutumba Gisebeyi avyemeza. Imvo z’ubwo bwicanyi ngo zikaba zoba zifatiye ku mwikeko w’uburozi, nkuko ayo makuru abandanya avyemeza. Abantu babiri bagizwe n’umucance be n’umukobwa wa Nyakwigendera  bakaba bahagaritwse n’igipolisi ku mvo z’amatohoza.

VI. Muganga Jean Minani, yahoze ari umushingamateka mu ntara ya Kirundo, ahamagarira urwaruka rwo muri iyo ntara, guhaguruka rukanka inyigisho z’amacakubiri  n’ubwicanyi ziriko zitangwa na bamwe mu barongoye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD

VII. Abivuze, inyuma y’aho amanama ahamagarira urwaruka rw’imbonerakure kugandagura abatavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi aguma akorwa, uwuri hejuru yayo ngo ni Abel Ahishakiye arongoye urwo rwaruka muri iyo ntara. Kubwa Muganga Yohani Minani, uyo atanga izo nyigisho adakurikiranywe n’ubutungane, leta ihari izobibazwa.

VIII. Hari abarundi b’impunzi mu karere ka Bugesera, ni mu ntara y’uburengero bw’igihugu c’Urwanda, mu murenge wa Nyamata, bagiye hamwe mu kurangura ibikorwa vyo kwiteza imbere. Mu bikorwa vy’uburimyi n’ubworozi bagiye gushimikirako, abo barundi babifadikanya n’abanyarwanda babakiriye. Bose bagashima kubona barikumwe kandi bafatanye mu nda.

IX. Leta ya Evariste Ndayishimiye izoguma yishuzwa umushingamateka Fabiyano Banciryanino kuko ataco yazize atari gukora ico arekurirwa n’amategeko. Ivyo bishikirizwa na Innocent Muhozi, arongoye ishirahamwe rijejwe gucungera no kwubahiriza akarangamutima k’umwuga wo kumenyesha amakuru OPB. Agasaba irekurwa ryiwe co kimwe n’abandi bose bafunzwe bazira ivyiyumviro vyabo.

X. Fabien BANCIRYANINO amaze imisi 14 apfungiwe mu Mpimba. Yagirizwa kugumuka, guhungabanya umutekano w’igihugu, n’ugutyoza inzego. Fabien BANCIRYANINO akaba imbere y’uko ajanwa mu Mpimba, yari amaze imisi itandatu mu gipolisi kijejwe amatohoza BSR. Kugeza uyu munsi, akaba atarashirwa imbere y’intahe ngo aburane kuvyo yagirizwa.

Ibindi bisa n'ibi