Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/11/2022

Publié le 21 novembre 2022 par Rédaction
I. Umunyororo wo guherayo n’indishi y’akababaro y’amafranga imiriyoni 20 ni vyo Sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Makamba yaraye iciriye, mu ntahe y’ikibiriraho Ndayitabiriye Ernest wo ku mutumba Sampeke komine Kayogoro, muri iyo ntara nyene. Urwo rubanza rwaciwe ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana inyuma yaho uwo mugabo yagiriwe n’icaha co kuniga umugore wiwe Niyomwungere Anitha, mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu rishira uwa gatandatu. Uwo yagirizwa icaha ntiyagihakanye imbere ya Sentare, aho yasiguye ko yategura kugandagura uwo mukenyezi kuva muri uku kwezi kw’icumi, inyuma yaho se wiwe apfiriye agaheza akabwirwa n’umupfumu ko yishwe n’uwo mukazana wiwe. Uwo mukenyezi akaba yagandaguwe afise umwana w’umucuko, afise n’imbanyi y’amezi 5.
II. Hari abanywanyi babiri bo mu mugambwe CNL baturuka ku mutumba Nyankeru muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega, bamaze indwi zirenga zitatu bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega. Abo bantu bikekwa ko bagize uruhara mw’igandagurwa ry’umukenyezi yitwa Ngendakumana Domine, yamara abo bantu bikavugwa ko bahorwa ivyiyumviro vyabo vya politike.
III. Umukuru w’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD muri komine n’intara ya Rumonge, yaraye ahagaritswe n’igipolisi kuri uwu w’Imana. Ulimwengu Bigirimana yagirizwa kwiha ububasha bwo gutoza amafranga abarondera ibikoresho vyo kwubaka muri iyo komine, nk’ukwo amakuru ava aho mu Rumonge abivuga.
IV. Inyuma y’imisi ibiri hatangajwe ko yabuzwe irengero, Minani Jérémie, umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Iwacu yatanze amakuru yiwe. Kuva ku musi wa gatandatu, umuryango wiwe be n’abakoresha biwe bari batangaje ko batazi iyo ari. Mw’ireresi we nyene yifatiye, yemeza ko akomeye, kandi atanyurujwe. Ariko rero agasa n’uwuvuga ko atazi ingene aho hantu ari yahashitse, kandi agasa n’uwubivugana ubwoba.
V. Umuyobozi w’ishure ry’imyuga ryo ku Gitaba mu ntara ya Rutana aragirizwa n’abarezi bo kuri iryo shure, ko anyuruza amatungo y’iryo shure. Bavuga ko kuva mu mwaka wa 2019 agurisha kandi agakotesha ibikoresho abanyeshure bakenera, amafranga avuyemwo ntiyinjire mu kigega c’ishure. Abo barezi bavuga ko iyo hagize ababibaza aca abatera ubwoba, ababwira ko azobasabira mitasiyo. Basaba inzego zo hejuru gukurikiranira hafi ivy’iryo shure.
VI. Imyidogo ni myinshi ku baguzi bihereza ibinyobwa vya Brarudi baba ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga, na cane cane inzoga zambiye aho bavuga ko ibiciro biherutse gushingwa n’ishirahamwe Brarudi, bikemezwa na leta bitariko birubahirizwa n’abafise ubunywero bw’inzoga. Amakuru dukura muri iyo ntara yemeza ko ibiciro vy’ibinyobwa vya Primus na Amstel ari vyo bitubahirijwe. Aho abadandaza ku giciro kizwi barenzako kw’icupa amafranga ari hagati y’amajana abiri n’amajana atanu. Abanyagihugu bo muri iyo ntara ya Muyinga, basanzwe bagura ivyo binyobwa basaba abajejwe intwaro gucungera ikurikizwa ry’ibiciro vy’ibinyobwa bihingurwa n’ishirahamwe Brarudi.
VII. Mu makuru y’inkino, mu mupira w’amaboko basketball, umugwi w’Urunani umaze iminsi muri Afrika y’epfo aho buca utangura ihiganwa rizowuha uburenganzira bwo kwitaba inkino zo kurwego rwa Afrika bita BAL. Mu mupira w’amaguru naho, ejo mu gihugu ca Qatar niho hatangura inkino z’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru. Mu rukino rwa mbere umugwi nserukiragihugu ca Qatar ukaba watsinzwe n’igihugu ca Equateur. Na yo mu Burundi, ihiganwa ku rwego rw’igihugu Primus League rigeze ku ndwi igira 13, gushika ubu umugwi Bumamuru wo mu Cibitoke ukaba ari wo uri mu kibanza ca mbere.

Ibindi bisa n'ibi