I. Umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza yari asubiriye kumenyeshako atazokwitoza kurongora igihugu mu 2020. Yabimenyesheje ejo igihe yariko arifuriza umwaka mwiza w’i 2020 inzego z’umutekano. Pierre Nkurunziza yasavye izo nzego, kuzokorana neza gusumba n’umukuru w’igihugu azomusubirira mu 2020 inyuma y’amatora. Urunani CFOR ruhurikiyemwo abatavuga rumwe na leta rubona ko n’aho Petero Nkurunziza yogenda azoba asize igihugu kiri mu manga bizoba bigoye kugikurayo na rirya ashobora kuhasiga somambike wiwe.
II. Abanyagihugu bo muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro, baridogera umugambwe uri ku butegetsi kubera amafaranga batangishwa. Ubu ngo bakaba bariko bakwa intererano y’inyigisho zizohabwa urwaruka mugihe ruzoba ruri mu buruhuko.
III. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo muri komine Buganda cane cane muri segiteri ya Buganda. Bavugako abajejwe intwaro muri ico gice banyuruje ikibonane imisegetera yari ibagenewe. Gushika ku mugoroba w’uwu wa gatanu ntawigeze aronswa umusegetera muri ico gikorwa kimaze hafi indwi gikorwa mu gihugu cose.
IV. Urunani mpuzamakungu rwishinze kurwanya ibirwanisho biri mu minwe y’abatabifitiye uruhusha “International Action Network on Small Arms, IANSA” rwaratanguje kuri uyu wa gatanu isekeza ryo gusaba ko ku minsi mikuru iheza umwaka abasirikare n’abapolisi batorasa hejuru mu ntumbero yo gusezera umwaka w’2019. Ni mu gihe mu bihugu bitandukanye kuri Bonane sasita z’ijoro abasirikare bakunze guturitsa ibisasu. Amashirahamwe arwanya ibirwanisho mu karere k’ibiyaga binini akorana na IANSA, abona ko bene ivyo birwanisho bituritswa bihora vyiha inkumbi bigahitana abantu batari bake. Jean NSINZINKAYO arongoye ishirahamwe MIRPD, imwe mu mashirahamwe arwanya ikoreshwa ry’ibirwanisho n’abatabifitiye uruhusha mu karere.
V. Ubushikiranganji bujejwe umutekano muri kino kiringo himirije iminsi mikuru y’impera z’umwaka, bumenyesha ko ingingo zose zafashwe mu ntumbero yo gucungera biboneka umutekano w’abanyagihugu. Mw’itangazo ubwo bushikiranganji bwasohoye, busaba ko abunguruza abantu co kimwe n’abafise ubunywero, batokwikinga mu kiza mu kuduza ibiciro. Moise Nkurunziza, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano.
VI. Ikigabane « Kw’isoko » c’uyu munsi, gishimikira ku bworozi bw’ingurube bugirwa n’impunzi zo mw’ikambi ya Mahama.