Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 21/12/2020

Publié le 21 décembre 2020 par Rédaction
I. Hari umwigeme yafashwe  ku nguvu  mw’ijoro ryo kuri uwu wa Mungu aho yakora, mu kabare muri komine Songa, intara ya Bururi. Uwukekwa muri ico caha n’umupolisi asanzwe ari nawe nyene ako kabare. Umuryango w’uwo mwigeme ugataka utakamba k’uwakoze ico caha yohagarikwa akanashengezwa imbere y’ubutungane.
II. Bamwe mu bakozi bo ku bitaro vy’i Makamba baridoga ko badafatwa kumwe n’ubuyobozi bufatiye ku vyiyumviro vya politike. Abacerewe bahanwa mu gukatwa amafaranga ku gashirukabute, ariko ivyo bigakorwa ku bakozi batari mu mugambwe CNDD-FDD gusa. Ubuyobozi bw’ibitaro ariko bukaba bwamirira kure ivyo bwagirizwa n’abakozi.
III. Pierre BUYOYA yahoze arongoye Uburundi azoshingurwa muri Mali aho yarasanzwe aba. Ivyo biri mw’itangazo ryashizwe ahabona n’umuryango wiwe. Bamwe mu barundi bavuganye na Radio Inzamba bavuga ko yarakwiye gushingurwa mu gihugu yamaze imyaka 13 arongoye. Abandi bati yohabwa n’iteka nk’uwagize uruhara mu kugarukana amahoro mu Burundi.
IV. Mu muhari MAP Burundi barababazwa n’ingendo ya leta y’Uburundi ataco iravuga, kuva uwahoze ari umukuru w’igihugu Pierre Buyoya yitavye Imana. Ivyo biri mu rwandiko uwo muhari wasohoye kuri uyu wa mbere, mw’ijambo ryo guhoza umuryango w’uyo yahoze arongoye Uburundi. Libérat Ntibashirakandi, umuvugizi wa MAP Burundi buhire, arashima ingingo y’igihugu ca Mali yo gutahukana ikiziga c’umuhisi no kumushingurana iteka.
V. Kubona abakozi ba ISABU bamaze amezi atatu arenga batarahembwa kubera hari abakozi bahawe akazi ubushikiranganji bw’abakozi ba reta butabizi, ngo ababikoze baciye kubiri n’amategeko. Bivugwa na Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME. Ku bwiwe ngo hari inzira bicamwo ivyo gutanga akazi. Iyo bitagenze uko, ababikoze baraheza bakabihanirwa ku gatwe kabo. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME rigwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya reta.
VI. Nayo kubijanye n’amatongo ya ISABU ari Mahwa no mu Kumoso yahawe ishirahamwe FOMI rikora umwavu w’ikizungu, Gabriel Rufyiri avuga ko inyungu z’umuntu canke umugwi w’abantu zitari zikwiye gushirwa imbere gusumba inyungu z’abarimyi borozi b’Uburundi muri rusangi.
VII. Impunzi z’abarundi baba mu karere ka Huye barafise ibibazo bikomeye cane vyo kurihira abana babo amafaranga y’ishure, igihe bahejeje igice ca mbere c’amashure. Abahora babafasha ntibaheza ngo babandanye babafasha, kuko amafaranga aba yiyongereye. Uwurongoye impunzi amenyesha ko ico kibazo kimaze kumurengera. Abana bari mu ngorane yo kuronka ayo mafaranga y’ishure bangana amajana abiri, nkuko bishikirizwa na Vincent Nzisabira arongoye impunzi z’i Huye.
VIII. Bagenzi bacu 4 b’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru Iwacu bakwije kuri uno wa gatatu iminsi 427 bafunzwe. Bakaba baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu mu ntara ya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu, ivyo amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ay’abaharanira agateka ka zina muntu biyamirije, bagasaba nyabuna ko barekurwa atagisabwe.

Ibindi bisa n'ibi