I. Urwego rw’iperereza ruremeza ko umwe mu bakozi barwo, rutashimye kuvuga izina, ari mu minwe y’ubutungane. Yagirizwa kuba yarasinzikarije ubuzima ubanywanyi babiri b’umugambwe CNL, nk’uko vyari vyaremejwe n’umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH. Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko uwo mukozi w’iperereza yabikoze ku gatwe kiwe, ari naco gituma bitega urwego rwose rw’iperereza. Gérard Ndayisenga ni we amaze imisi 4 afashwe inyuma yaho umunywanyi wa CNL aborejwe igufa mu biro vy’iperereza i Bujumbura, agahava acikana.
II. Umugambwe CNL uvuga ko ubabajwe n’impfu z’abanywanyi bawo babiri bishwe babanje kuborezwa igufa bidasanzwe, mu gasho k’iperereza. Mw’itangazo basohoye kuri uyu wa mbere uheze, umugambwe CNL usaba ko abagandaguye Augustin Matata w’i Buringa muri komine Gihanga y’intara ya Bubanza, na Innocent Barutwanayo wo muri komine Matongo y’intara ya Kayanza bokurikiranwa, imiryango y’abahisi ikaronka ubutungane.
III. Abantu batatu baraye bakomeretse barashwe mw’ijoro ryakeye. Ivyo vyabereye kw’isoko ryo ku mugwa mukuru wa komine Muhanga mu ntara ya Kayanza. Uwakoze ico caha akaba ari umupolisi agendanira komiseri w’igipolisi muri iyo komine bivugwa ko ari na we yamuhaye itegeko ryo kurasa mu banyagihugu. Abo barashwe bakaba baciye bajanwa kuvurirwa ku bitaro bikuru vyo mu gisagara ca Ngozi. Abagirizwa kugira uruhara muri ico caha bariko barabazwa mu butungane.
IV. Kwemeza ko ubwicanyi bwakozwe mu mwaka wa 1972 ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu, ngo nta fatiro bifise kubw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike. Uko kwemeza ihonyabwoko ata matohoza yigenga abaye, bishobora no gutuma hasubira kwaduka ukwinubana hagati y’amako. Bivugwa na Vital Nshimirimana, aserukira urunani FORSC ruhurikiyemwo amashirahamwe yigenga. Ukwemeza ihonyabwoko bisanzwe bikorwa n’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, habanje kuba amatohoza yigenga. Vital Nshimirimana agasaba ko haba amatohoza yigenga ashobora kwerekana ukuri ku bwicanyi bwagiye buraba mu bihe bitandukanye.
V. Abantu 134 baratowe umugera wa Covid-19 ku bantu 284 bari bagiye kwipimisha ku bitaro vy’intara ya Rumonge, kuri uno wa mbere. Ico gitigiri ciyongereye kuri babiri bayitowe mu gatondo kuri uno wa kabiri, n’abandi 62 bawutowe mu ndwi iheze. Bose hamwe bakaba bangana na 198 batowe uwo mugera kuri ivyo bitaro, kuva mu ndwi iheze gushika uno musi.
VI. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, n’umutekano bwahagaritse burundu ibibanza vyo kwiyubikira bita sauna, mu ntumbero yo kwikingira ikiza ca Covid-19. Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru co kuri uyu wa kabiri, Pierre Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji, yavuze kandi ko n’ibindi bibanza bihuriramwo abantu benshi vyahagaritswe, agatunga urutoke abajejwe intwaro n’umutekano ko badafasha kugira izo ngingo zije mu ngiro.
VII. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu baba ku mutumba wa Susa wa zone Murungurira, komine Ntega n’intara ya Kirundo. Iyo myidogo ituruka ku busuma bukorwa mu mazu y’abanyagihugu bibwa ibitungwa n’ibindi vya nkenerwa. Abadomwako urutoke n’akagwi k’imbonerakure zirongowe n’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD kuri uwo mutumba wa Susa, ari we Clément Sibondemyi.
VIII. Ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR kimenyesha ko gishimishwa n’umwimbu cegeranije muri uyu mwaka. Ivyo ni ivyashikirijwe na Jean Claude Manirakiza arongoye ico kigo, avuga ko ayo mafaranga yavuye ku milliaridi 361 aja ku milliaridi igihumbi y’amarundi. OBR ibivuga mu gihe kuri uno wa kabiri hahimbazwa umunsi wahariwe gutanga ikori. Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME, ryiyemeje kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Leta, we abona ko abatanga amakori mu Burundi ari abantu bato bato gusa.
IX. Indwi zibiri ziraheze harangwa ubukene bw’amazi mw’ikambi y’impunzi z’abarundi iri I Mulongwe muri republika iharanira demokrasi ya Congo. Bamwe mu mpunzi bavuganye na radiyo Inzamba bakamenyeshako bafise impungenge z’uko ico kibazo gishobora gutuma haduka indwara zitewe n’isuku rike, mu gihe kitotorerwa umuti vuba bwango.