Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/01/2020

Publié le 22 janvier 2020 par Rédaction

I. Inama nshingamateka y’Uburundi yaraye yemeje integuro y’itegeko, rigenga uburusho bw’umukuru w’igihugu atakiri mu mabanga. Abashingamateka bakaba bahaririye kubijanye n’amafranga yotekererwa, hamwe n’ubundi burusho. Umushikiranganji w’ubutungane, n’umukuru w’inama nshingamateka, bakaba barasiguriye abashingamateka ko amafranga agera kumuriyaridi atari menshi, kugira bashimire uwahoze ari umukuru w’igihugu aba yatowe n’abanyagihugu.

II. Petero NKURUNZIZA na Pascal NYABENDA n’akadasohoka, nk’ukwo bisigurwa n’umukuru w’urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politique FORSC. Vital NSHIMIRIMANA yibutsa ingene mu mwaka wa 2015, igihe hari impari ku kiringo ca gatatu, Pascal NYABENDA yahayagiza Petero NKURUNZIZA ko ari we wenyene ashoboye kurongora igihugu mu mugambwe CNDD-FDD. Uwo arongoye FORSC yerekana kandi ko Pascal NYABENDA agera n’aho ayovya abashingamateka bakemerera uburusho burengeje bataravye n’ubukene  canke amadeni igihugu gifise.

III. Abantu bane bo mu muryango umwe muri komine Bururi, bari mu maboko y’inyamiramabi, akaba ari inyuma yaho hatorewe ikiziga c’umugabo muri Zone ya Munini, hari ku mugoroba ku munsi w’ejo wa kabiri. Uyo mugabo azwi kw’izina rya Protais Maroha, yarafise imyaka 60, nk’ukwo amakuru ava ku murwa mukuru w’intara ya Bururi abivuga. Ikiziga kikaba catowe gihambiriye mu musegetera, ab’iwabo bakaba bamuheruka kuri uno w’Imana w’indwi iheze. Ikiziga ciwe kikaba cariko n’ibimenyetso vyerekana ko uwo mugabo yishwe abanje kugirirwa nabi.

IV. Umunywanyi umwe w’umugambwe CNL yaraye afashwe, ajanwa gupfungirwa mu gasho k’igipolisi, muri komine Bwambarangwe y’intara ya Kirundo yagirizwa uburozi.  Abari mu mugambwe CNL bavuga ko ari agatotezo bakorerwa n’abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Ivyo babivuga bisunze ko ako gatotezo kavugwa no mu yandi ma komine y’iyo ntara yo mu buraruko bw’u Burundi.

 V. Umuhari mpuzamakungu w’urwaruka rw’abarundi MIJEB mu mpfunyapfunyo, umenyesha ko ukutihanganiranira muri politique hafi nka hose mugihugu ari bimwe mu bimenyestso bitabesha ko amatora yigenga ahurikiyemwo bose  adashoboka mu Burundi. Biri mw’itangazo ryasohowe n’uwo muhari. Inarukundo Carène Kelly, avugira uwo muhari.

VI. Ishirahamwe ACAT rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu rirashima uruhara umurwi w’igihugu uharanira agateka ka zina muntu CNIDH, wagize mu kurekuza indongozi zitatu zo mu mashirahamwe y’abarimu. Abo barimu bari bafunzwe bagirizwa kuba bariyamirije itozwa ku nguvu ry’amafranga 500, ku mishahara y’abarimu. Ishirahamwe ACAT risaba CNIDH ko yokora no kuyandi ma dosiye akomakomeye, ajanye no guhungabanya agateka ka zina muntu. Iryo shirahamwe ACAT ritanga nk’akarorero, iburabuzwa n’ihohoterwa ry’abatavuga rumwe na leta n’abamenyeshamakuru ; batibagiye n’ubundi bugizi bwa nabi. Armel Niyongere arongoye ishirahamwe  ACAT-Burundi.

VII. Abarundi bahungiye mw’ikambi y’i MULONGWE, mu gihugu ca repubilika iharanira demokarasi ya Congo, baratabaza basaba aboza kubafasha. Aho n’inyuma y’aho ishirahamwe PAM ribamenyesheje ko kuva mu kwezi kwa gatatu, amafaranga yo kwifashisha ryahora ribaronsa, agiye kugaburwamwo kabiri. Kubw’izo mpunzi, iyo ngingo ngo ije kwongereza inzara muri iyo kambi.

VIII. Abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru IWACU aribo Agnès Ndirubusa, Egide Harerimana, Christine Kamikazi na Térence Mpozenzi bakwije imisi 93, bafungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza. Abo bamenyeshamakuru bakaba bariko bazira umwuga wabo. Imyaka 15 y’umunyororo niyo umushikirizamanza aburanira leta yabasabiye, abagiriza guhungabanya umutekano n’ugukorana n’aba reberi mu gitero cabereye muri komine Musigati, mu ntara ya Bubanza ku wa 22 Gitugutu umwaka uheze.

Ibindi bisa n'ibi