I. Abanyeshure 10 nibo bari bamaze kumenyekana gushika mu gitondo co kuri uyu wa kane, ko banduye ikiza ca corona kw’ishure ry’akarorero rya Musinzira, ryahoze ryitwa Athénée Gitega. Amakenga akaba ari menshi haba mu banyeshure n’abigisha, mu gihe babona ko ubuyobozi busa nk’ubufata minenerwe ico kibazo, kuko ata ngingo babona ziriko zirafatwa. Ubuyobozi bw’iryo shure buvuga ko icihuta ari ukuvuza abafashwe. Bamwe mu baganga bakabona ko mu gihe nk’iki, haba hakwiye ko haba ibipimo ku banyeshure, kugira abarwaye bashirwe ukwabo ntibabandanye bandukiza abandi.
II. Abashoferi baca ku mupaka wa Kobero baridoga ko igikorwa co kubapima corona kigenda nabi cane. Babona ko ataho bitaniye n’impfungwa kandi ata ndwara batowe. Basaba abajejwe amagara y’abantu aho I Muyinga gufata ingingo zitomoye, zitadindiza akazi kabo.
III. Ibitigiri vy’abahitanwa n’ikiza ca Covid19 biriyongera ku rugero ruteye ubwoba muri Afrika, kuko bimaze kurengera ibiharurwa kw’isi yose. Bishikirizwa n’ikigo kijejwe kugwanya indwara muri Afrika, « le Centre Africain de Contrôle des Maladies » mu rurimi rw’igifaransa. Ico kigo kigasaba ko ibihugu vya Afrika vyoronswa umwuka « oxygène » ufasha abagwayi guhema, kuko vyibonekeza ko mu misi iza ibitigiri bishobora kuba umurengera.
IV. Christa Kaneza, umutambukanyi w’umuhisi Thierry Kubwimana yaraye arengukijwe kuburana muri parike nkuru ya Muha, mu gisagara ca Bujumbura. Iburanisha ryashikanye isaha zitatu z’ijoro zirenga, nk’uko amakuru dufise avyemeza. Mu muhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi INAMAHORO, bakaba biyamiriza iryo fungwa ryuzuyemwo ihonyangwa ry’amategeko yubahiriza agateka ka muntu.
V. Amashirahamwe adaharanira inyungu za politike yasohoye urwandiko, aho yiyamiriza ingendo y’igipolisi aho gisigaye gishaka kwigenza nk’inzego z’ubutungane. Ayo mashirahamwe ariyamiza iyo ngendo yo gushaka kuyovya ubutungane. Bishikirizwa na Dieudonné Bashirahishize arongoye CAVIB, aho basaba ko Christa Kaneza yorekurwa agakurikiranwa yidegemvya.
VI. Itotezwa rikorerwa abanywanyi b’umugambwe CNL rirabandanya. Hari umunywanyi w’uwo mugambwe yahagaritswe kuri uyu wa gatatu, muri Komine Rusaka, iri mu ntara ya Mwaro. Mu muryango wiwe, bakaba bavuga ko batazi ico ahorwa kandi ko batazi aho apfungiwe. Na yo mu mugambwe CNL mu ntara ya Mwaro, bagasaba ko boreka gutotezwa kuko bahorwa ivyiyumviro vyabo vya politike.