Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/01/2022

Publié le 22 janvier 2022 par Rédaction
I. Hari isukari igera ku biro 1000 yaraye ifashwe n’igipolisi kuri uwu wa gatanu muri komine Nyabihanga intara ya Mwaro. Amakuru ava aho muri iyo komine akaba avuga ko nyene kuyifatanwa yavuze ko ari iya musitanteri w’iyo komine. Ivyo bibaye mu gihe aho muri iyo komine no mu zindi ntara, isukari yabaye umuzi w’ibuye. Abanyagihugu bo muri iyo komine bakaba basaba ko uwo musitanteri yorengutswa akabibazwa bibaye ngombwa  akabogozwa muri ayo mabanga arimwo.
II. Imyidogo ni myinshi ku bakozi bakorera ku bitaro bikuru vy’i Makamba, bivuye ku cuka kibi kiri hagati y’abakozi n’ababakoresha. Ivyo bikaba vyatumwe n’uko umwe mu baserukira abakozi muri sendika kuri ivyo bitaro ahinduriwe akazi, agakurwa mu kazi k’ubushoferi akarungikwa gukora isuku kw’ivuriro ritoyi. Nk’uko amakuru dukura ngaho ku bitaro bikuru vy’i Makamba abivuga, kuva haje umuyobozi ashinzwe ivy’ubutunzi n’intwaro Éric Ndayegamiye, icuka hagati y’abakozi n’abakoresha caratitutse. Aho bakavugako arenganya abakozi na cane cane abakozi bo mu bwoko bw’abatutsi bakorera kuri ivyo bitaro.
III. Amato arenga ijana y’uburovyi yo ku bivuko vy’uburovyi bimwe bimwe vyo mu ntara ya Rumonge ku kiyaga Tanganyika yaramenaguritse mw’ijoro ry’uwa gatanu rishira uwa gatandatu, biturutse ku bisebuzi vyadutse mu kiyaga Tanganyika. Abakora umwuga w’uburovyi bakaba bavuga ko agahombo ari kanini baravye ivyononekaye. Bagasaba ababishoboye ko bobagarukirako.
IV. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi gishimikira ku bitigiri vy’abana baja kw’ishure biguma ari bito mu Burundi.

Ibindi bisa n'ibi