I. Kuri uno wa gatatu hazindutse isakwa ry’igipolisi muri Quartier Jabe iri muri komine Mukaza, ni mu gisagara ca Bujumbura. Igipolisi kikaba caka abari mu nzu ikaye yanditsemwo abahaba. Ariko icatangaje cane abanyagihugu n’uko ico gipolisi cabaka n’igipapuro cemeza ko barishe iyarara kandi ivyo na vyo umukuru w’igisagara ca Bujumbura yarabibujije kuko ico gikorwa gifise abakijejwe.
II. Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ESDDH ririyamiriza ryivuye inyuma ihagarikwa n’ifungwa ry’abantu batanu baharanira agateka ka zina muntu, haraheze indwi. Biri mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye kuri uyu wa kabiri. Abo bapfasoni batatu n’abagabo babiri bariko bagirizwa ibintu bidafashe na gato mu ntumbero yo kubagumiza mu buroko. Iryo shirahamwe risaba ubutungane bw’Uburundi guca urubanza nyarwo, abo bantu bashobore kurekurwa kuko bafunzwe biciye kubiri n’amategeko.
III. Hari ikiziga c’umwana w’umukobwa catowe, yaciwe umutwe n’abagizi ba nabi batamenyekanye ku musi wa kabiri, mu gacimbiri Rugerero ku mutumba wa Kinazi muri zone Rugari, komine n’intara ya Muyinga, nk’uko amakuru ava ngaho i Kinazi avyemeza. Uwo mwana ngo akaba yaragiye kuvoma mu mwonga uhana urubibe n’imitumba ya Kinazi na Rugari ya komine Muyinga. Abajejwe intwaro ahabereye ubwo bukozi bw’ikibi bakavuga ko igipolisi catanguye amatohoza, kugira hamenyekane abakoze iryo bara.
IV. Umugambi wo kuronsa amazi abanyagihugu bo muri komine Giteranyi intara ya Muyinga nturaja mu ngiro, inyuma y’imyaka itanu wemejwe. Abanyagihugu bagiriza musitanteri Floride Nduwayezu na Buramatari Jean Claude Barutwanayo, kutabishiramwo ishaka. Abanyagihugu bavuga ko isoko ry’umugende w’amazi uva muri zone Mugano gushika muri zone ya Masaka muri komine Giteranyi ryagiyemwo ka mwana wa mama, rigahabwa umuntu batabishoboye. Musitanteri wa komine Giteranyi arahumuriza abo arongoye, ko ibintu bigiye kuja mu buryo. Abanyagihugu bobo bagasaba abarongoye igihugu ku rwego rwo hejuru, gufata mu ntoke ikibazo c’uwo mugambi ufise igiciro kirenga umuriyaridi w’amahera y’amarundi.
V. Abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi mu buraruko bw’Uburundi bariyamiriza ingingo ya buramatari w’iyo ntara, aho asaba abajejwe amadini kudasubira kuraganisha abasore batabanje kwubaka inzu. Yabivuze kuri uyu wa mbere, mu nama yagiranye n’abarongoye amadini mu ntara ya Ngozi. Abo banyagihugu bakavuga ko batazobishobora kuko ubuzima bwazimvye.
VI. Imyidogo ni myishi mu basirikare b’Uburundi, inyuma yaho bamenyesherejwe ko imishahara yabo itakidugijwe nk’uko vyari vyashikirijwe n’umukuru w’igihugu, mu mpera z’umwaka uheze. Basaba nyabuna kudugirizwa imishahara kuko akazi bakora katagihwanye n’agahembo baronswa.
VII. Turagaruka ku gice ca kabiri ari co ca nyuma c’amatohoza y’umumenyeshamakuru Alain Majesté Barenga ku vyerekeye abarundi baca ku kibuga c’indege bagiye i buraya baciye mu gihugu ca Serbiya. Ku kibuga c’indege ca Bujumbura, akagwi kagizwe n’abapolisi n’abakozi b’iperereza ni bo banyonora abahaciye bose, bafashe iyo nzira. Umwe wese yategerezwa gutanga amafranga ari hagati y’ibihumbi amajana atanu n’umuliyoni w’amafranga y’amarundi. Ivyo ntivyagarukira aho, kuko ako kagwi kari gafise aba commissionnaires baja kurondera cane cane abakobwa bakiri bato mu gisagara ca Bujumbura, eka no mu ntara za ruguru.