Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/03/2021

Publié le 22 mars 2021 par Rédaction
I. Abantu babiri baraye bapfuye, inzu nazo zirenga 250 ziraguruka biturutse ku mvura ivanze n’umuyaga yaguye kuri uyu w’Imana, mu bice bitandukanye vy’igihugu c’Uburundi. Abanyagihugu bahuye n’ivyago bavuga ko ibintu biriko birahitanwa n’imvura vyabaye umurengera, bagasaba leta kugira ico ikoze kugira ize irakingira abanyagihugu.
II. Kwica no gusinzikariza ubuzima kiremwa muntu bikorwa n’abari mu nzego z’umutekano. Ivyo biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ryiyemeje gukurikirana ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB mu mpfunyapfunyo, casohotse kuri uyu wa 22 Ntwarante. Ico cegeranyo kigaruka aha nini ku bwicanyi bwakorewe abantu batatu muri komine Burambi y’intara ya Rumonge mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka.
III. Urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu makambi y’impunzi, ruriyamiriza inyuruzwa n’ihohoterwa rikorerwa impunzi mw’ikambi y’i Nyarugusu muri Tanzaniya. Léopold Sharangabo, icegera c’umukuru w’urwo runani, akaba yizeye ko umukuru w’igihugu mushasha wa Tanzaniya hari ico azohava ahindura kugira ngo agateka k’impunzi kubahirizwe muri ico gihugu.
IV. Ishirahamwe rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-BURUNDI ririyamiriza ingene inzego z’ubutungane zibijejwe ziriko zirakwega ibirenge mu gushira mu ngiro ingingo y’umukuru w’igihugu yo kuwa 5 ntwarante y’uwu mwaka nyene, irekura abanyororo bashika 5255. Iryo shirahamwe ribonako ukwo ari uguhonyanga ibwirizwa ry’umukuru w’igihugu ryategerezwa gushigwa mu ngiro uwo musi nyene risohokeye. Rigasaba ubushikiranganji bw’ubutungane kwikubita agashi bukarekura abo banyororo. Me Jean Claude Ntiburumusi arongoye igisata c’ubutungane mw’ishirahamwe ACAT-BURUNDI.
V. Hari ukutumvikana hagati y’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Kirundo. Umuyobozi w’ishure rikuru rya Murama muri komine Kirundo yarakubiswe arashaya, abamukubise akaba ari indongozi z’imbonerakure muri iyo ntara  zirabana ay’ingwe n’aba CNDD-FDD bayoboka Reveriyano Nzigamasabo batazira Gihahe yahoze ari umushingamateka.
VI. Isekeza ryo gucandaga abana kugira ngo bakingirwe indwara y’ubukangwe, ngo ntiryagenze neza mu ntara ya Rumonge. Amakuru avayo, avuga ko bamwe mu bavyeyi boba batajanye abana babo kuronswa izo ncanco. Imvo, ngo hoba hari ibihuha bivuga ko zoba ari incanco z’umugera  wa Corona. Abajejwe igisata c’amagara y’abantu muri iyo ntara bakaba basaba ko abantu bokwirinda ivyo bihuha, bagacandagisha abana babo.

Ibindi bisa n'ibi