Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/03/2023

Publié le 22 mars 2023 par Rédaction
I. Ikiziga c’umwana w’umukobwa w’imyaka 13 caratowe mu gatondo k’ejo ku musi wa kabiri ku mutumba Bwisha, komine Gashoho mu ntara ya Muyinga. Uwo mwana abamwishe ngo baramukereye, banamucumita mu rubavu bamusanze aho yariko arahira ubwatsi mw’itongo ry’abakekwa ko aribo bamwatse ubuzima. Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bakaba bemeza ayo makuru, bakavuga ko abakekwako icaha baraye ijoro ryabo rya mbere mw’ibohero rikuru rya Muyinga.
II. Abashikirizamanza babiri barafashwe barapfungwa. Abo na bo ni umushikirizamanza wa republika yegukira sentare isubiramwo imanza ya Ntahangwa, hamwe n’icababa ciwe. Abo bashikirizamanza bakurikiranwa mw’i dossier y’isahurwa ry’amafranga agera ku bihumbi 64 vy’amahera y’amanyaburaya yatswe umurundi yaravuye mu mahanga, hari ku kibuga c’indege Melchior Ndadaye c’i Bujumbura. Itangazo ryashizwe ahabona n’ibiro vy’umushikirizamanza kizigenza wa republika riremeza iryo hagarikwa ry’abo bafashwe mu rwego rw’abashikirizamanza.
III. Bariyamiriza gukingira ikibaba abagandaguye Ntirampeba. Abo ni bamwe mu bagize umuryango wiwe aheruka kugandagurirwa muri komine Nyanza-lac na bamwe mu banyagihugu bo ku mugwa mukuru wa komine Nyanza-lac.  Ivyo bivuzwe inyuma yaho abakoze ico caha barekuwe inyuma y’indwi zidashika na zibiri bahagaritswe, bakaba barekuwe n’umushikirizamanza wa Republika mu ntara ya Makamba Claver Sabushimike.
IV. Ubukene bw’ibitoro bwasubiriye kwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura. Abagendesha ivyuma bakavuga ko bakora bahomba, kuko naho bagize Imana bakakironka, bakoresha umwanya munini bagitondeye, hariho naho barara kuma stations barindiriye ko kiboneka. Basaba Leta gutorera umuti ico kibazo.
V. Iduga ry’ibiciro vy’ibifungurwa riri ku rugero ruteye ubwoba mu gihugu c’Uburundi, kuko nk’ibiharage vyaduze kugera ku bice 128%. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi. Yabishikirije kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru ku bijanye n’iduga ry’ibiciro vy’ibifungurwa ryabaye ndanse mu gihugu. Uwo muhinga avuga ko Leta itokwijajara kuko ingaruka ari nyinshi, harimwo uguheba amashure kw’abanyeshure.
VI. Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi, avuga ko iryo duga ry’ibiciro, rishobora gutuma kandi ibindi bidandazwa bitagurwa kuko atawogura ibindi bidandazwa atafunguye.

Ibindi bisa n'ibi