I. Mu bitaro Clinique Prince Louis Rwagasore, hoba hatowe umugwayi mu baganga bariko barahimenyerereza, bituma abakozi 12 basanzwe bahakora, bashirwa mu kibanza ca bonyene. Ahandi havurwa iyo ndwara ni mw’ishirahamwe PACOBU, co kimwe no mw’ihoteri Source du Nil, aho kuri uno wa gatatu hoba habonetse abarwayi bagera kuri 20.
II. Abasirikare b’abarundi bari kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika, mu rwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Minusca, baridoga ko bagira bamare umwaka bataronswa agahembo kabo. Bavuga ko imiryango yabo ibayeho mu bukene budasanzwe, kubera ko imbere yo kuja muri ubwo butumwa bw’amahoro bahawe ingurane yo kwikenura n’isangugu rya gisirikare CECADM. Basaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU bakoreye, kubakomoreza agahembo kabo kuko abasirikare bava mu bindi bihugu bari ku gikorwa kimwe, baronswa agahembo kabo uko ukwezi gutashe, ata nkomanzi.
III. Inyuma y’aho zone Gatumba iterewe n’umwuzure w’amazi mw’ijoro ryo ku wa mbere w’ino ndwi, n’ubu abanyagihugu baho baracari mu kangaratete. Bagumana intekera ku mutwe barondera aho bokika umusaya, kuko amazu yabo yabomaguritse n’ahatari hake, hakaba hacuzuye ibidengeri vy’amazi. Umwe mu banyagihugu baho mu Gatumba.
IV. Bimwe mu bimenyeshamakuru vyariko birasaba kwemererwa gukora kumugaragaro, vyankiwe impusha n’ikigo kijejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora, CNC. Iyindi ngingo ishikirizwa na Nestor Bankumukunzi arongoye CNC, yafashwe n’urwo rwego, n’uko ata mumenyeshamakuru azokwemererwa gukwirikirana amatora, adafise ikarata itangwa n’ico kigo nyene.
V. Abamenyeshamakuru 4 b’ikinyamakuru Iwacu barakwije kuri uno munsi wa gatatu, iminsi 184 bafunzwe. Baciriwe umunyororo wo gufungwa imyaka ibiri n’igice, hamwe n’ihadabu ringana n’umuriyoni umwe umwe, na sentare nkuru y’igihugu, mu ntara ya Bubanza. Abacamanza bari bashashe muri urwo rubanza, akaba yari Parfait Muvunyi yari arongoye intahe, Ihuwitonze Eric hamwe na Kaneza Clarisse, asanzwe ariwe arongoye sentare nkuru y’intara ya Bubanza. Icariho c’umushikirizamanza Ntamikevyo Jean Marie Vianney, akaba yari yabasabiye gufungwa imyaka 15. Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu umwaka uheze, i Bubanza. Bakaba bahagaritswe bagiye gutohoza inkuru muri komine ya Musigati, ahariko habera intambara hagati y’abitwaje ibirwanisho n’abajejwe umutekano. Christine KAMIKAZI, Agnès NDIRUBUSA, Thérence MPOZENZI na Egide HARERIMANA, bakaba bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu.
VI. Igabanurwa ry’igiciro c’igitoto kw’isi ngo rigira ingaruka ku Burundi ritevye. Umushikiranganji w’ikigega ca reta akavuga ko arico gituma kugeza ubu, igiciro kitaragabanuka mu gihugu. Iyo nsiguro Domitien Ndihokubwayo yayitanze ku musi wa kabiri, igihe yariko yishura ibibazo vy’abashingamateka, ariko yerekana amafaranga azokoreshwa na reta muri uwu mwaka.