I. Abantu barenga 40 barapfuye, 35 baranyuruzwa mu mwaka wa 2021. Biri mu cegeranyo cakozwe n’umugwi w’igihugu wigenga, ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH. Ku bw’uwo mugwi, ngo muri rusangi umutekano wari wose, n’aho hagiye haribonekeza imigwi itera abantu ku mabarabara n’ibintu bikahatikirira.
II. Abegereye umuryango wa Eric Ndayizeye barasaba inzego z’igipolisi kubafasha kurondeza uwabo. Bavuga ko bamuherutse ku musi w’Imana uheze, muri zone Kamenge ya komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura. Aho ngo yavuga ko agiye kubonana n’umuntu ariko amaso yabaye ayo. Mu muryango wiwe, bafise amakenga menshi ku mutekano w’uwabo.
III. Urusengero God’s Glory Church ruri mu ntara ya Muyinga rwahagaritswe kw’itegeko rya musitanteri wa komine Muyinga, kuri uyu wa gatanu. Itangazo ryasohowe uno munsi risigura ko urwo rusengero rudakwije amategeko. Abarongoye iryo shengero bakavuga ko barenganijwe kuko hari n’ayandi mashengero muri iyo komine adakwije ivyangombwa, ariko abandanya akora.
IV. Amabarabara ava muri komine Ntega yinjira ku mugwa mukuru w’intara ya Kirundo yazindutse azibiye, kuva mu gitondo co kuri uwu wa gatanu. Ni inyuma y’aho hibonekereje abanduye umugera w’indwara ya Corona muri iyo komine, iri mu ntara ya Kirundo. Abanyagihugu cane cane abari bagiye gusuhuza ababo ku bitaro no mw’ibohero bakaba bavuga ko bibagoye cane.
V. Mu karere k’ibiyaga bigari, ibihugu vy’akarere bifise imigwi igwanya leta iri ku butaka bwa Congo bibwirizwa kugira uruhara rukomeye kugira iyo migwi yitwaje ibigwanisho ive muri ako karere, itahukanwe iwabo. Ivyo biri mu mwihwezo w’umushakashatsi mu gisata c’umutekano mu karere ka Kivu KST mu mpfunyapfunyo. Reagan Miviri asigura ko yaba RED Tabara, FDLR canke ADF, iyo mihari yose itegerezwa gushira ibigwanisho hasi kugira umugambi wo kugarukana umutekano mu karere k’ubuseruko bwa Congo ushoboke. Uyo mushakashatsi avuga ko mu nzira zishoboka harimwo no kuganira n’iyo mihari, nk’ukwo leta ya Congo iharanira intwaro rusangi ibitegekanya ku ruhande rwayo. Reagan Miviri.