Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/04/2023

Publié le 22 avril 2023 par Rédaction
I. Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH ubicishije ku rubuga ngurukanabumenyi Twitter, wamenyesheje kuri uyu wa gatandatu ko wagendeye uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Général Alain Guillaume Bunyoni aho apfungiwe. Ngo ameze neza, nta totezwa na rimwe ariko aragirirwa, canke ayandi mabi, kuva ahagaritswe. Ngo n’umuryango wiwe uriko uramenyeshwa ukwo ibintu biriko biragenda. Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH uremeza ko ibiriko birakorwa kugeza uno musi kw’ihagarikwa rya Général Alain Guillaume Bunyoni, biriko vyisunga amategeko. Ariko uwo mugwi ntiwerekana aho afungiwe uno musi, n’umusi yafashwe. Ifatwa ryiwe ryari rimaze imisi rinugwanugwa, bikavugwa ko yahagarikiwe muri Bujumbura rural.
II. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu arizeza abarondera igitabu c’inzira ca passport ko bagiye kuzironswa bitagoranye, na cane cane ku basanzwe bafise ibituma vyihutirwa vyo kuyirondera. Umushikiranganji Martin Ninteretse akaba yabishikirije mu nama yagiranye n’abamenyeshamakuru, kw’igenekerezo rya cumi n’icenda Ndamukiza (19/04) uno mwaka.
III. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye afise ububasha bwose bwo guhindura ibitagenda neza mu gihugu, ububasha bwo gukura no gusubiriza abategetsi batarangura neza amabanga baba bashinzwe, ari na co gituma atari akwiye kuza aridoga imbere y’abanyagihugu ku bitagenda neza aho gufata ingingo. Ivyo bivugwa na Léonce Ngendakumana, icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU. Akaba yabivuze kuri uwu wa kane, mu nama mpuzamakungu yariko ibera i Buruseli mu gihugu c’Ububiligi ku vyerekeye amasezerano y’amahoro y’i Arusha. Léonce Ngendakumana akaba yibaza ko hoba hari akagwi k’abantu bakomeye babuza Evariste Ndayishimiye gufata ingingo, ariko ngo yari akwiye kumenya ko ata muntu n’umwe aba hejuru y’umukuru w’igihugu.
IV. Abunguruza abantu n’ibintu ku mapikipiki ku mugwa mukuru w’intara ya Muyinga no mu micungararo yaho baridogera igipolisi, ko kibaburagiza mu kubafata kenshi mu bibanza bitandukanye, nk’ukwo bamwe muri abo bagendesha amapikipiki babimenyesha. Bagasaba abajejwe intwaro kubavugira mu gipolisi kugira babahe agahengwe. Abajejwe intwaro n’abarongoye abatwara amapikipiki bahimiriza abanyagihugu gukora bisunga amategeko.
V. Ikiganiro « Kw’īsôko » c’uno musi kivuga ibijanye n’ingurane y’imiriyoni zirenga 260 z’amadolari ikigega c’isi FMI cimirije guha leta y’Uburundi.

Ibindi bisa n'ibi