I. Ibitigiri biriko biratangwa ko vyavuye mu mirwi y’amatora mu ma komine, vyerekana ko umugambwe CNDD-FDD uri imbere mu matora yabaye kuri uyu wa gatatu. Ivyo bitigiri bishobora kuba vyakozwe n’abashaka kujuragiza abanyagihugu. Ivyo vyashikirijwe na Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu akaba n’umukandida w’umugambwe UPRONA mu matora y’umukuru w’igihugu. Asaba abarundi kurindira ibiharuro bizoshikirizwa n’umurwi CENI, uwo nawo akawusaba kwerekana ko wigenga koko mu gutanga ibiharuro vyavuye koko mw’ishaka ry’abanyagihugu.
II. Uwundi yitoje muri ayo matora mu kibanza c’umukuru w’igihugu, Agathon RWASA arongoye umugambwe CNL, amenyesha ko amatora atagenze neza nk’uko bavyipfuza. Avuga ko abarorerezi b’amatora bo muri CNL barenga amajana abiri bapfunzwe. Abandi barajuragizwa kuri uwo musi. Kubwiwe ngo ivyo vyose bifise intumbero y’ubusuma bw’amatora. Ivyo akaba yabivugiye kuri radio ijwi ry’amerika kuri uyu wa kane.
III. Arongera akamenyesha ko umurwi CENI utavyifashemwo neza nkuko amategeko abivuga, ko abarorerezi batahana ivyegeranyo vy’amatora, eka bakanamanika ico cegeranyo aho umunyagihugu uwari we wese ashobora kubisoma, ngo siko vyagenze. N’aho biri ukwo, Agathon RWASA arashimira abarundi ngo kuko umugambwe CNL ngo niwo uza imbere haba mu matora y’umukuru w’igihugu, haba mu matora y’abashingamateka eka no mu matora y’abajenama.
IV. Abarundi barerekanye ata gutinya babicishije mu matora, ko bakeneye ihinduka ry’ubutegetsi, umuntu atitayeho ibitigiri bizoshikirizwa n’umugwi CENI. Umwihwezo n’uw’umwanditsi w’umurundi David Gakunzi. Kubwiwe ngo vyagaragaye kuva mu nteguro y’amatora ko umugambwe CNDD-FDD wategekanya kuyiba. David Gakunzi asaba abarundi kuguma batekanye mu kurindira igihe c’ihinduka kuko kiza caratanguye.
V. Abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’intara ya Makamba barara ntibuca, kuva amatora abaye kuri uyu wa gatatu. Bagiriza abajejwe umutekano barikumwe n’imbonerakure ko bahagarika uwo wese atavuga rumwe n’ubutegetsi, imiduga, n’amapikipiki bigafatwa bakabisubizwa batanze amafranga, bagirizwako bataguma mu mihana yabo.