I. Har’umusirikare yaraye yishwe arashwe n’umupolisi mw’ijoro ryo kuri uyu wa Mungu, ku mugwa mukuru w’intara ya Cibitoke. Uyo musirikare akaba yarashwe ariko aratabariza umunyagihugu yari yafashwe n’abapolisi, mu gihe bariko barakizura.
II. Ukutubahiriza amategeko n’ukwihanira birabandanya kwibonekeza mu gihugu c’Uburundi. Muri komine n’intara ya Bururi, hari umuyabaga yitavye Imana ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana. Amakuru ava aho i Bururi akavugako yari yarashwe n’umupolisi ku musi wa gatandatu mw’ijoro. Ivyo bikaba biteye umutima uhagaze abanyagihugu bo muri iyo komine, aho biyamiriza iyo nyifato yo kwihanira.
III. Hatowe ikiziga c’umukenyezi kuri uyu wa mbere muri karitiye Kavogero, iri muri komine n’intara ya Kirundo. Uwo yapfuye yadandaza umubiri nkuko amakuru ava mu kirundo abivuga. Ayo makuru nyene yemeza ko yoba yanizwe abanje gushurashuzwa.
IV. Umuntu umwe yitavye Imana mw’isanganya ry’umuduga ryabaye inyuma y’umutaga kuri uwu wa mbere, abandi 11 barakomereka. Ivyo bikaba vyabereye ku musozi Nyabihogo, kw’ibarabara rya Bujumbura-Kayanza. Inkuru ziva aho isanganya ryabereye zikemezwa n’igipolisi, zimenyesha ko haje imodoka yo mu bwoko bwa voiture yava i Bujumbura, ija mu gisagara ca Kayanza, inyerera mu mazi atemba mw’ibarabara ica ihusha ibarabara igonga umuntu arakomereka cane. Mu gihe abantu bari bashengereye baraba ivy’iryo sanganya, haciye haza iyindi modoka yo mu bwoko bwa TI, nayo nyene inyerera muri ayo mazi ica igonga abo bantu. Umugabo w’imyaka yababa 40 aca aritaba Imana ubwo nyene, abandi 10 barakomereka. Abanyagihugu b’aho ayo masanganya yabereye bagasaba abajejwe intwaro kuzibura imiserege, kugira bakinge ayo masanganya.
V. Abantu 8.781 nibo bamaze kumenyekana ko banduye ikiza Covid 19 mu karere ka Afrika y’ubuseruko nkuko ibitigiri bitangwa n’ibihugu bigize ako karere bivyerekana. Muri abo banduye, 81 baramaze kwitaba Imana. Igihugu ca Kenya nico kiza ubwa mbere mu bwinshi bw’abanduye.
VI. Concessa Nzeyimana, umutamakazi w’imyaka 72 n’utwuzukuru twiwe 2 baraye barekuwe inyuma y’ijoro bamaze bapfunzwe, na musitanteri wa komine Kayogoro Misago Zachée. Uwo mukecuru w’imyaka 72 n’utwuzukuru twiwe 2 tw’udupfuvyi, bahagaritswe ku munsi wa gatandatu uheze, ku mutumba Gatabo, wa komine Kayogoro, kw’itegeko rya Misago Zachée arongoye iyo komine. Bahagaritswe inyuma y’aho uwo mutamakazi yari yahagaritswe ku musi wa kabiri w’indwi twaraye turangije, aboherwa mu kazu ka surw’umwe. Amakuru ava aho muri iyo komine avuga ko yarekuwe ari uko yemeye ko akazu abamwo gasamburwa. Akaba yasubiye gufatwa kuri uyu wa gatandatu kandi, kw’itegeko rya Misago Zachée aho yamwagirije gukwiragiza amakuru y’ibinyoma atyoza uwo musitanteri. Akaba rero yarekuwe ku mugoroba wo kuri uyu w’Imana, abanje gutezwa umukono n’uwo musitanteri ku rwandiko rwemeza ko ariwe ubwiwe, yisamburiye iyo nzu.
VII. Inyuma yaho Leta zunz’ubumwe za Amerika zifatiye ingingo y’uko ata murundi azosubira kuronswa uburenganzira bita visa, bwo kuja mur’ico gihugu, bitewe n’uko Leta y’Uburundi yanse kwakira bamwe bamwe mu birukanywe muri ico gihugu, Leta yagize ico ibivugako. Biciye ku mushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, ngo leta yanse kubakira kuko basanze atari abarundi. Ezechiel Nibigira akaba yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere. Mwomenya ko muri iyo ngingo ya Leta zunz’ubumwe za Amerika, abarundi bafise ama passeports bita diplomatique canke y’akazi aribo bonyene bazoronswa uburenganzira bwo kuja muri Leta zunz’ubumwe za Amerika.
VIII. Mu micungararo y’ikambi ya Mahama huguruwe inzu y’uburiro Hozagara Hub. Iyo ikaba yubatswe n’ikigo Maison Shalom, mu ntumbero yo kwubaka umubano mwiza hagati y’abarundi baba mw’ikambi ya Mahama, n’abanyarwanda baba mu micungararo yayo. Marguerite Barankitse yashinze ikigo Maison Shalom avuga ko kizofasha n’ingenzi zije zigana ikambi ya Mahama nk’agatutu. Iyo nzu ikaba yuguruwe mu gihe ikigo maison Shalom cariko gifatanya n’impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Mahama, guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe impunzi usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya 20 Ruheshi.