Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/06/2021

Publié le 22 juin 2021 par Rédaction
I. Ubukozi bw’ikibi bufatiye ku mutekano muke burabandanya kwibonekeza muri komine Giteranyi y’intara ya Muyinga. Hari ikiziga c’umutama w’imyaka 77 catowe mu gatondo k’uno musi wa kabiri ku mutumba wa Mihigo muri iyo komine, nkuko amakuru ava kuri uwo mutumba avyemeza. Umukenyezi w’umuhisi akaba aza yafashwe ku mvo z’amatohoza.
II. Abantu cumi na bane nibo bamenyekanye ko bagandaguwe. Muri abo harimwo umwana umwe, abakenyezi batatu hamwe n’ibiziga bitanu vyatowe hirya no hino mu gihugu. Ivyo biri mu cegeranyo umuhari Iteka wasohoye mu ndwi yo kuva ku wa 14 gushika ku wa 20 Ruheshi umwaka wa 2021. Anschaire Nikoyagize kw’izina rya Ligue Iteka, avuga ko mu bishwe hari abishwe kubera ukwihorahorana ariko hakaba n’abandi atawuzi icabishe. Ariko abagirizwa ni bamwe muri ya migwi y’imbonerakure na bamwe mubajejwe umutekano.
III. Abahoze mu gisirikare ca kera ex FAB babiri  hamwe n’umu civil umwe,  bafungiwe mu gasho k’igipolisi muri komine Vugizo mu ntara ya Makamba, kuva ku musi  wa gatanu  w’indwi iheze. Ihagarikwa ryabo ryabaye inyuma yaho uwundi musirikare wa kera ahagaritswe yagirizwa gutera grenade umukuru wa zone Mpinga. Ababo basaba ko borekurwa kuko batazi kugeza ubu ico bagirizwa.
IV. Urunani CFOR Arusha ruranegura inyifato y’igihugu c’Ubufaransa cagumye gifasha Uburundi mu gihe ubumwe bwa Bulaya bwari bwafatiye ibihano Uburundi. Ivyo biri mw’ikete bandikiye uwurongoye umugwi w’ibihugu vya bulaya umukuru w’igihugu c’Ubufaransa ahabwa ikopi (copie). Urunani CFOR Arusha rukavuga ko agateka ka muntu kadasiba guhonyangwa mu Burundi. Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye avuga amahoro n’umutekano kuri bose ku munwa gusa, abantu bariko bicwa mu gacerere.
V. Impunzi z’abarundi zo mw’ikambi ya Mahama zigera ku 250 nizo zaraye zihawe akazi ko kurima kugira zishobore gutunga imiryango mu mugambi wiswe Agateka Kacu Fund. Ikigo Maison Shalom nico catanguje uwo mugambi kuri izo mpunzi z’abarundi bamaze amezi abiri batakironswa imfungurwa na HCR. Amafaranga agera ku 1200 y’amanyarwanda niko gahembo ku mukozi umwe umwe ku musi.  Umupfasoni Marguerite Barankitse arongoye ico kigo avuga ko intumbero ari kugira izo mpunzi ntizicwe n’inzara, agahamagarira abarundi b’umutima n’amakungu kubaba hafi.
VI. Ishirahamwe rihurikiyemwo amaradiyo mu Burundi ABR risaba leta gufuta amafaranga atozwa n’ikigo kijejwe gucungera itumatumanako amakuru mu Burundi ARCT. Mu gihe kuri uyu wa kabiri ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru bwariko buratanga ibikoresho bigizwe n’imachine nyabwonko 16, hamwe n’utwuma dufata amajwi 16, Onésime Harubuntu arongoye ABR avuga ko leta yari ikwiye no gutanga umuyagankuba ku buntu ku binyamakuru bikorera ku butaka bw’Uburundi.
VII. Kuri uno wa kabiri hategekanijwe inkino zibiri isaha zitatu z’ijoro aho Ubwongereza bukina na République Tchèque. Ecosse nayo  itana mu mitwe na Croatie mu rukino rukomeye. Rurakomeye kuko uwurutsinda ashobora kuronka amahirwe yo kubandanya amahiganwa.

Ibindi bisa n'ibi