Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/07/2020

Publié le 22 juillet 2020 par Rédaction

I. Italiki ya 22 Mukakaro imyaka ine iraheze umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA abuzwe irengero. Uwo mumenyeshamakuru w’ikinyamakuru Iwacu gushika uyu musi akaba ata matohoza yakozwe kugira hamenyekane ibijanye n’irengero ry’uwo mumenyeshamakuru. Mu kwibuka uyo musi mubi mu muryango w’abamenyeshamakuru, urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bari mu buhungiro AJBE, bagiye kuremesha umuryango usigwa na Jean Bigirimana, aho uri nawo nyene mu buhungiro.

II. Abanyuruje Jean Bigirimana, ngo nibo boba batuma ubutungane budakora kuri uwo mugenzi wacu yakorera ikinyamakuru Iwacu, bisigurwa na Alexandre Niyungeko, arogoye urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ. Avuga ko naho bibabaje kubona ubutungane bumara imyaka ine yose ataco bukoze, bidatangaje na gato kuko leta y’Uburundi yihaye intumbero yo gutoteza abamenyeshamakuru n’umwuga wabo, Alexandre Niyungeko.

III. Uwahora arongoye igipolisi muri komine Kayogoro mu ntara ya Makamba, ni mu bumanuko bw’Uburundi, inyuma yo gukurwa muri ayo mabanga, bivugwa ko yoba aherutse kwirukanwa mu gipolisi c’Uburundi. Aho ni inyuma yaho yagirijwe gukingira ikibaba imbonerakure n’abajejwe intwaro muri zone Bigina y’iyo komine, mu bubisha bwo kwica, kwiba no gutoteza abarundi bajabukana muri iyo komine bavuye gupagasa mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya.

IV. Pacifique NININAHHAZWE arongoye ishirahamwe FOCODE, arashima intambwe ya mbere ibereye yo gufata imbonerakure n’abajejwe intwaro bamwe bamwe bagirizwa kuba barasahuye, bongera bica abarundi batahuka bavuye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, baca mu nzira za magendu. Ku bwiwe ngo hari hakwiye gushingwa umugwi ujejwe kugira amatohoza, ngo kuko atari muri iyo komine ya Kayogoro yonyene basahura abanyagihugu, no muzindi komine zihana imbibe n’igihugu ca Tanzaniya, hibonekeza ubwo bubisha. Arongera akanasaba ko abarongoye iyo ntara bose bogirwako amatohoza.

V. Hari abanywanyi babiri b’umugambwe CNL, bose bari mu bajenama ba komine Kayanza muri kino gihe bapfungwa. Bakaba bafashwe kw’itegeko rya Ferdinand Habimana, umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD ku rwego rw’intara, na Jean-Marie Manirakiza musitanteri wa komine Kayanza.

VI. Ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire no gusesagura amatungo ya leta  risaba umukuru w’igihugu, gusubira kurekura amazu avunja amahera y’abikorera utwabo agakora. Ayo mazu yugawe kuva mu kwa kabiri kw’uyu mwaka, ico gikorwa co kuvunja kikaba cahawe amabanki y’ubudandaji. OLUCOME mw’ikete yandikiye Evariste NDAYISHIMIYE  arerekana ingaruka vyagize ku butunzi bwigihugu, n’akarusho kohaba iyo ngingo ikuweho. Gabriel RUFYIRI arongoye OLUCOME.

VII. Kuri ivyo vyasabwe umukuru w’igihugu, umuvugizi wiwe Jean Claude Karerwa NDENZAKO avuga ko atarabona iryo kete. Avuga ariko ko ashobora kugira ico avuze mu ndwi iza, inyuma y’umwiherero wa leta.

VIII. Impunzi z’abarundi bari mw’ikambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzaniya, baratewe umutima uhagaze n’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri, ribabuza gusubira kwubaka gushika leta y’ico gihugu nyene itanze itegeko. Ivyo, izo mpunzi bakabona ko biri muri wa mugambi nyene wo gushaka kuzirukana ku nguvu.

Ibindi bisa n'ibi