Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/07/2021

Publié le 22 juillet 2021 par Rédaction
I. Imyaka itanu iraheze umumenyeshamakuru Jean Bigirimana anyurujwe akaburwa irengero. Amashirahamwe y’abamenyeshamakuru n’ikinyamakuru Iwacu yakorera, ntibahengeshanije gusaba ko hokorwa amatohoza ngo hamenyekane ivyoba vyarashikiye umumenyeshamakuru Jean Bigirimana. Arnaud Froger ajejwe igisata ca Africa mw’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF, asaba ko hoba amatohoza abantu ntibaze baranyuruzwa ngo bagende amazimayongo mu gihugu gifise abagitwara. Imyaka itanu iraheze ayo matohoza ata na kimwe arerekana.
II. Hari ikiziga c’umugore catowe ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri giciwe umutwe n’amaguru ku mutumba Mayange, zone Bigina, komine Kayogoro, ni mu ntara ya Makamba. Abakoze ubwo bubisha bakaba bataramenyekana.
III. Ingingo yo guhanahana abapfungwa yapfunditswe hagati y’umukuru w’igihugu c’Uburundi n’uw’ica Tanzaniya, igihe abo bakuru b’ibihugu babonanira mu Burundi ku magenekerezo ya 16 na 17 za kuno kwezi, irateye umutima uhagaze urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu n’ak’impunzi zo mu makambi CBDH-VICAR. Biri mw’itangazo urwo runani rwashize ahabona kuri uyu wa gatatu, rukavuga y’ukwo iyo ngingo ata kindi igamije atari ugutanga no gutahukana abatavuga rumwe na Leta y’igihugu c’Uburundi. Urwo runani ruriyamiriza amabi akorerwa impunzi z’abarundi bari muri ico gihugu, rugasaba Leta ya Tanzaniya kwubahiriza amategeko mpuzamakungu agenga impunzi.
IV. Urusansuma rushasha rw’abanyagihugu, uburaro n’uburimyi n’ubworozi ruritezwe mu mwaka wa 2022 nkuko bishikirizwa n’ikigo ISTEEBU kijejwe gutororokanya ibiharuro mu Burundi. Umuyobozi mukuru w’ico kigo avuga ko gishasha kuri urwo rusansuma ari uko abarundi bahurikiye mu gisata c’uburimyi n’ubworozi bazomenyekana ibitigiri, mu ntumbero yo guteza imbere ibisata vyose vy’iterambere ry’igihugu. Nicolas Ndayishimiye, ni umuyobozi mukuru wa ISTEEBU.
V. Abanyagihugu baba mu ma quartier ya Carama Gahahe na Gatunguru mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura baratewe impungenge n’ikena ry’amazi meza rigize iminsi ryibonekeza muri vyo bice. Abanyagihugu bahaba bakaba bafise ubwoba ko ko bashobora kwandura indwara ziturutse kw’isuku rike, bagasaba ababijejwe gutorera umuti ico kibazo mukubaronsa amazi meza.
VI. Imyidogo ni myinshi mu banyagihugu bo muri komine Ntega, intara ya Kirundo kubera amatagisi menshi y’agasakisaki atozwa, batagishijwe inama. Bavuga ko muri ayo matagisi hari mashasha yiyongeye ku yo bari basanzwe batanga. Abo banyagihugu bagasaba abajejwe intwaro gutanga umuco ku bijanye n’ayo matagisi.
VII. Abanyagihugu bo mu ntara ya Bururi baridogera umushingamateka Hatungimana Athanase yatowe muri iyo ntara ko abatoteza. Uwo mushingamateka yagirizwa n’abanyagihugu kubahohotera kandi ari nawe yategerezwa kubavugira. Akarorero batanga ni iyugarwa ry’inzu ikoreshwamwo urusyo muri Kiryama muri komine Songa, intara ya Bururi, avuga ko rubangamiye inzu yiwe. Abo banyagihugu bagasaba ko abamukurira bomugondoza iyo nzu igafungurwa.

Ibindi bisa n'ibi