Amakuru yo ku munsi

Amakuru yo ku wa 22/07/2022

Publié le 22 juillet 2022 par Rédaction
I. Umukuru w’igihugu c’Uburundi ni we aramutswa umuryango wa Afrika y’ubuseruko mu kiringo c’umwaka umwe, kuva kuri uyu wa gatanu ku muhingamo. Ingingo yafatiwe mu nama igira iya 22 yahuje abakuru b’ibihugu bigize uwo muryango i Arusha muri Tanzaniya. Evariste Ndayishimiye akaba asubiriye umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta mu gihe harangwa indyane mu buseruko bw’igihugu ca Congo, aharangwa imigwi y’abarwanyi itari mike, hamwe n’abasirikare b’Uburundi binjira muri ico gihugu nk’ukwo biboneka mu vyegeranyo bitandukanye vy’amashirahamwe mpuzamakungu.
II. Umugwi w’abasirikare b’Uburundi ugizwe n’intwazangabo umunani harimwo intwazangabo zibiri zifise ipete rya general, barungitswe mu butumwa mu gihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Amakuru ava muri bamwe mu basirikare avuga ko boba bajanywe no gutegura ishirwaho ry’umugwi w’abasirikare b’akarere ka Afrika y’ubuseruko uzoba ujejwe kugwanya imigwi yitwaje ibirwanisho, no kugarukana amahoro mu buseruko bw’igihugu ca Congo. Abo basirikare bakaba barungitswe muri ico gihugu ku mugaragaro, inyuma y’ikiringo kingana umwaka urenga, havugwa mu buseruko bwa Congo abasirikare b’Uburundi bari kumwe n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko.
III. Imyaka itandatu irarumanye Jean Bigirimana yahoze ari umumenyeshamakuru wa Iwacu abuzwe irengero. Umuryango wiwe w’amaraso co kimwe n’umuryango w’abamenyeshamakuru bakaba badahengeshanya gusaba ko ukuri kwomenyekana ku bijanye n’inyuruzwa ryiwe.
IV. Birateye isoni n’agahinda kubona inyuma y’imyaka itandatu umumenyeshamakuru Jean Bigirimana azimiye amazimayongo ubutungane bw’Uburundi butarashira ahabona ivyavuye mu matohoza. Ivyo bivugwa na Alexandre Niyungeko arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ aho abona ko bigaragara ko ubutungane bw’Uburundi ata gushaka bufise kugira ngo ukuri kuje ahabona.
V. Igihugu c’Uburundi kirakwiye gukorana n’intumwa za ONU zijejwe igisata c’agateka ka zina muntu, nk’ukwo vyari bimeze imbere ya 2015 aho kuguma kivuga ko kitabakeneye. Biri mu rwandiko nomero 48 rwasohowe n’ishirahamwe SOS-Torture, kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi uno mwaka. Ku bwa Aimé Kwizera, ajejwe gutunganya imigambi muri iryo shirahamwe, Uburundi bukwiye guhindura ingendo, bugakurikiza amategeko bwo nyene bwateye ko igikumu, kugira ngo bwisubize umutamana mu makungu.
VI. Ikiringo c’ukwezi kumwe gusa ni co gihawe amahinguriro akora ibifungurwa n’ibinyobwa mu Burundi adakurije amategeko y’ikigo kugira yitunganye mu kubahiriza amategeko asabwa. Ico kiringo catanzwe kuri uyu wa gatanu n’ikigo ca leta kigenzura ubuziranenge bw’ibihingurwa n’amashirahamwe BBIN. Umuyobozi mukuru w’ico kigo Severin Sindayikengera, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, avuga ko isuzumwa ryakozwe basanze hari ibiribwa n’ibinyobwa vyinshi biri kw’isoko ariko bidakwije ibisabwa n’amategeko. Agasaba abanyagihugu kwitonda mu kugura ibintu babona bidafise ikibiranga ku neza y’amagara yabo.

Ibindi bisa n'ibi