I. Hari ikiziga c’umugabo w’imyaka irenga 50 catowe mu ruzi Kinyangona kuri uwu wa gatanu, ku rugabano rwa komine Gatara na Gahombo. Ico na co cari ic’uwitwa Côme Gahungu wo ku musozi Businde muri komine Gahombo. Inkuru ziva aho muri komine Gahombo, zimenyesha ko uwo mugabo yari yagorobeje mu cabaret kamwe ko ku musozi Kibaribari muri komine ya Gatara, uwo na wo ukaba wegeranye n’umusozi Businde wo muri Gahombo. Ababonye ico kiziga bavuga ko cari n’ibimenyetso vyerekana ko yoba yarakubiswe icuma mu mutwe. Bakibaza ko urupfu rw’uwo muntu rwoba rwaturutse ku kwihora ngo kuko yaheruka kurekurwa avuye mu munyororo ku mvo z’uko yagirizwa kuba yarishe umuntu wo kuri uwo musozi. Ariko hakaba n’abibaza ko yoba yishwe n’abagomba kumwiba amafranga bari bamubonanye aho yari yateramiye yivuna akanyota. Abantu batatu rero bakaba barafashwe kugira bakorweko amatohoza ajanye n’urwo rupfu.
II. Abamenyeshamakuru b’abarundi ntibazodebukirwa no gusaba ubutungane bwa mugenzi wabo Yohani Bigirimana w’ikinyamakuru Iwacu, gushika aho ukuri kuzoja ahabona. Ivyo bishikirizwa na Alexandre Niyungeko arongoye urunani rw’abamenyeshamakuru UBJ. Agasaba abajejwe intwaro kugira ico bashikiriza ku bijanye n’inyuruzwa n’iburwa irengero rya Yohani Bigirimana kuko haciye imyaka indwi abuzwe irengero, kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro umwaka wa 2016. Abamubonye ubwa nyuma, bavuga ko bamubonye muri komine Bugarama iri mu ntara ya Muramvya, aho bemeza ko yahagaritswe n’abakozi b’iperereza.
III. Abagabo babiri Issa Girukwishaka na Issa Bakanibona, umwe aturuka muri komine Muyinga uwundi muri komine Butihinda, mu ntara ya Muyinga, sentare nkuru y’igihugu muri iyo ntara yaraye iciriye igihano co gupfungwa umwaka umwe canke kuriha ihadabu ry’amafranga angana n’umuriyoni imwe y’amarundi. Abo bagabo uko ari 2 bagirizwa n’umushikirizamanza wa republika mu ntara ya Muyinga icaha co guhungabanya ubutunzi bw’igihugu, akaba hari inyuma yo gufatanwa mu bibanza no ku magenekerezo bitandukanye amalitiro 620 y’igitoro c’ubwoko bwa essence, icaha baburanye bemera bakanasabira n’imbabazi.
IV. Igiciro c’igitoro mu Burundi caraye kidugijwe kuva kuri uyu wa gatanu n’ubushikiranganji bujejwe amasoko ntanganguvu. Igitoro co mu bwoko bwa essence kigiye kugurwa amahera 3985 y’amarundi kw’ilitiro mu gihe yahora ku 3250. Igitoro co mu bwoko bwa mazout kigiye kugurwa amafranga 3795 y’amarundi mu gihe cahora kigurwa amafranga 3450. Kubona ivyo biciro biduga vy’igitoro, ntawe bikwiye gutangaza kuko amafranga y’Uburundi yataye agaciro cane ugereranije n’amafranga mvamakungu. Bisigurwa n’umuhinga mu vy’ubutunzi Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, rikangurira abarundi guhindura ingendo. Ku bwiwe abarongoye leta bakwiye kuza barariha hakiri kare abarungika igitoro mu Burundi, kugira ntibisubire kubura kuko kiri mu bintu vya nkenerwa.
V. Nta cizere abarundi baba mu gihugu ca Canada bafise mu nama iza kubahuza, n’umugwi ujejwe kumenyekanisha ukuri n’ukurekuriranira CVR, kuko mu biri mu cegeranyo uwo mugwi wasohoye bimwe bimwe, biteye amakenga. Ivyo bishikirizwa na ambassadrice Appolonie Simbizi, umuvugizi w’ishirahamwe ry’abarundi bari mu gihugu ca Canada ABC-Canada. Ni mu gihe ubuserukizi bw’Uburundi muri Amerika, Canada no mu gihugu ca Brésil, bwatumiye abarundi bari muri ivyo bihugu mu nama izobahuza i Washington hamwe n’abaserukiye umugwi CVR, kuri uno munsi wa gatandatu. Appolonie Simbizi amenyesha ko umugwi CVR ataco uzofasha abarundi, udashize ukuri imbere, ngo wisunge amasezerano y’i Arusha.
VI. Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi rikorera mu gihugu ca Tanzaniya rikwiye kugarukira impunzi z’abarundi ziri mw’ikambi ya Nyarugusu, kugira zironswe imiti. Bisabwa n’urunani rw’amashirahamwe yitaho agateka k’impunzi ziri mu makambi CBDH-VICAR. N’inyuma yaho impunzi ziri muri iyo kambi zimenyesheje ko kuva ku wa 17 za kuno kwezi, impunzi zigendana indwara zitandukanye zitakironswa imiti zikabwirwa ko zoja kwivuza mu gihe c’Uburundi. Jean Bosco Vyizigiro avugira urwo runani asaba abarongoye Tanzaniya kubahiriza amasezerano cateyeko igikumu, akingira impunzi.
VII. Mu kiganiro kw’Isôko c’uno musi, tugaruka ku ngeso yo kugoba izo baragiye, itakiri agaseseshwarumuri mu mashure.