I. Umushikirizamanza wa republika aragiriza bamwe mu banyepolitique batavuga rumwe na leta n’abari mu mashirahamwe adaharanira inyungu za politike, ko ari bo bagize ibitero vy’iterabwoba vyabaye imbere y’ukwezi kwa Nyakanga uyu mwaka bigahitana abantu. Sylvère Nyandwi akaba yabishikirije mw’itangazo yasomeye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu ku mugoroba, i Bujumbura. Sylvestre Nyandwi avuga kandi ko amatohoza y’abagize ibitero biheruka kuri uyu wa mbere vy’ama grenades mu gisagara ca Bujumbura n’i Gitega ariko arakorwa. Uwo mushikirizamanza ariko asaba aboba bazi abagize ivyo bitero gutanga amakuru.
II. Francois Nyamoya, umunyabanga mukuru w’umugambwe MSD ari mu bagiririzwa n’umushikirizamanza, ariyamiriza ayo matohoza avugwa ko yagizwe n’umushikirizamanza mukuru, akavuga ko ayo matohoza afise imvo za politike.
III. Umuhari RED-Tabara nawo, uriyamiriza ibitero vy’abagizi ba nabi bateye ama grenades, mu gisagara ca Bujumbura, bigahitana abantu, abandi bagakomereka. Uyo muhari wagiriza umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, ko ari wo utegura ubwo bwicanyi, mu ntumbero yo gutera ubwoba abanyagihugu. Patrick Nahimana, avugira umuhari RED-Tabara.
IV. Umudereva agendesha imodokari yarahagaritswe n’igipolisi kuri uyu wa kabiri muri komine Mugamba y’intara ya Bururi. Amakuru ava mu mugamba avuga ko yaborejwe igufa bidasanzwe, aho apfungiwe mu gasho k’igipolisi i Muramba. Uwo mudereva akaba yahagaritswe akurikira abandi benshi bamaze imisi bafatwa, bagirizwa kuba bafise ico boba bazi ku gitero cakozwe ku modokari yo mu bwoko bwa Fuso muri zone Vyuya. Abafatwa benshi nabo mu bwoko bw’abatutsi bivugwa ko baborezwa igufa bakongera bakakwa amafranga kugire barekurwe.
V. Umuhari w’ibikorwa nkundagihugu MAP-BURUNDI BUHIRE usaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU gusubiza ku rutonde rw’ibihugu bikurikiranwa hafi n’iryo shirahamwe. Mw’ikete uwo muhari wandikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ONU, uvuga ko icatumye MAP-BURUNDI BUHIRE wandika iryo kete ngo ni ugutabariza abarundi bamaze imyaka irenga 15 bari mu vyara vy’umugambwe CNDD-FDD, ubica, ukabatoteza atacamira. Uwo muhari ukaba wanditse iryo kete mu gihe hariko haba inama ya ONU igira 76, iriko ibera i New York muri leta zunze ubumwe za Amerika. Libérat Ntibashirakandi avugira MAP-BURUNDI BUHIRE.
VI. Kubona intwazangabo mu gisirikare C’uburundi Lt Colonel Ildephonse Baranyikwa yakuwe mu mabanga yiwe y’ukurongora ingabo zija kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrika n’ikintu ciza c’ugushima, mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi atigeze ahengeshanya kwiyamiriza igenwa ryiwe muri ayo mabanga ahambaye kubera ivyaha yagirizwa. Bishikirizwa n’umushingwamanza Vital Nshimirimana arongoye urunani FORSC.
VII. Leta y’Uburundi irakwiye gufata ingingo zifasha ishirwa mu ngiro ry’ingingo yo kugaburira ibitungwa mu nzu. Zimwe muri zo ni nk’ukuronsa ingurane aborozi, n’imfashanyo y’intango mu kugaburira no mu gutera ubwatsi. Ivyo biri mu mwihwezo wakozwe n’urunani CAVIB rw’abashingwamanza baburanira imiryango y’abarundi bakorewe amabi ahanwa na Sentare mpuzamkungu. Uyo mwihwezo ukaba ukozwe inyuma yaho leta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi yashizeho ibwirizwa ritegeka aborozi b’ibitungwa bose mu gihugu, kudasubira kuragira ibitungwa ku misozi. Umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse ari mu bashinze urwo runani, asigura ko leta iramutse ihadikirije mu gushira mu ngiro iryo tegeko mu kwezi kuza, izoba ihonyanze uburenganzira bw’aborozi.
VIII. Urunani CAVIB rugahanura kandi cane cane leta y’Uburundi kubangira gushira mu ngiro iryo bwirizwa, hamwe no kubahiriza uburenganzira bw’aborozi bafise ku matongo yabo ariyo agize uburagiro bw’ibitungwa vyabo. Umushingwamanza Emmanuel Nkengurutse.
IX. Umunonotsi w’umurundikazi Francine Niyonsaba kuri uwu wa gatatu niho yatahuka mu gihugu ciwe, inyuma yaho agiriye umwanya wa mbere kw’isi mu gihugu ca Crowasiya mu kwiruka imetero ibihumbi bibiri. Imbere y’aho, yari yabaye uwa mbere mu mahiganwa mpuzamakungu akurikirana i bulaya no muri leta zunze ubumwe za Amerika.